Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 8:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, umunyabgenge w’ivyanditswe, n’Abalewi ari bo bigisha abantu, baraheza bababgira bose, bat’ Uyu musi n’ uwo Uhoraho Imana yanyu yejeje, nta co mubabara kandi reka kurira; kukw abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ ivyagezwe.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 8:9
30 Referans Kwoze  

Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza batanze imfashanyo yo gufasha ico gikorwa, n’icēgēra c’umwami na we atanga amahera y’izahabu yitwa dariki igihumbi, n’ibikombe mirongwitanu, n’ imyambaro amajana atanu na mirongwitatu y’abaherezi, babishira mu bubīko.


Umucamatēka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


muheze munezererwe imbere y’Uhoraho Imana yanyu, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba muri mwebge, kukw Abalewi ata mugabane cank’ ishamvu bafise muri mwebge.


Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


muheze munezererwe imbere yiwe, Uhoraho Imana yanyu, ha hantu nyene azoba yātoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, munezeranwe n’ abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba i wanyu, n’inyambukīra n’ impfuvyi n’abapfakazi baba muri mwebge.


ngo nshirireh’ abagandaye i Siyoni igitsibo mu gishingo c’umunyota, ndabahe n’amavuta y’akaneza mu gishingo c’ukugandara, n’umwambaro wo guhimbaza mu gishingo c’umutima uhondobereye; kugira ngo baze bitwe ibiti vy’ukugororoka, imyeloni yatewe n’ Uhoraho, ngo bimutere icubahiro.


igihe co kurira n’igihe co gutwenga; igihe co kuboroga n’igihe co kuvyina;


Umucamateka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


az’ abe ari ho murīra imbere y’Uhoraho Imana yanyu, abe ari ho munezeranwa n’ abo mu ngo zanyu, munezererwa ibikorwa vyose mwakoze, ivyo Uhoraho Imana yanyu yabahēreyemw’ umugisha.


ati Barira Abisirayeli, uti Mu kwezi kw’indwi, umusi wakwo wa mbere uz’ ubabere umusi wo kuruhuka bihebuje, ube uwo kubibutsa, muwutāngāze mu kuvuza inzamba, ube uwo gukorana kwera.


Nanje kera nariho, ntafise ivyagezwe: maz’ icagezwe kije, icaha kirarabūka, nanje ndapfa;


kukw imbere yayo ata muntu azotsindanishirizwa n’ibikorwa bibgirijwe n’ivyagezwe, kukw ivyagezwe ari vyo bimenyekanisha icaha.


Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye.


Abantu banje baranduwe no kutagira ubgenge: wewe ko wataye ubgenge, nuko nanje nzoguta, ntuzoba ukiba umuherezi wanje; ko wibagiye ivyagezwe vyanje, Imana yawe, nanje nzokwibagira abana bawe.


Abo ni bo bāriho mu gihe ca Yoyakimu mwene Yosuwa, Yosuwa wa Yehozadaki, no mu gihe ca Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, ari we munyabgenge w’ivyanditswe.


Abāshizekw ikimenyetso n’ aba: icēgēra c’umwami, ari we Nehemiya mwene Hakaliya, na Zedekiya,


Aya majambo n’amwe n’ayo mu cete umwami Aritazeruzi yahaye Ezira umuherezi ari we mwanditsi, mbere yar’ umwanditsi azi amajambo y’ivyagezwe vy’ Uhoraho n’ivyo yashingiye Abisirayeli:


Kand’ abarira Abalewi berejwe Uhoraho, ari bo bigisha Abisirayeli bose, ati Ni mushire isandugu yera mu ngoro Salomo mwene Dawidi umwami w’Abisirayeli yubatse; ntimuzosubira kurinda kuyirerura ku bitugu vyanyu ukundi. None rero ni mukorere Uhoraho Imana yanyu, bo n’abantu biwe b’Abisirayeli.


ati Ni mugende munsigurize Uhoraho, twe n’amasigarira yo mu Bisirayeli no mu Bayuda, ivy’ amajambo yo mur’ ico gitabo batoye; kuk’ uburake bg’Uhoraho budusutsweko ari bginshi, kubga ba sogokuruza batumviye ijambo ry’Uhoraho, ngo bakore ivyanditswe mur’ iki gitabo vyose.


Maz’ umwami yumvise amajambo yo mu vyagezwe, yitantamurirakw impuzu ziwe.


Hezekiya aremēsha imitima y’Abalewi bose bāgira umwete wo gukorera Uhoraho. Nukw abantu bamara iyo misi ndwi barya ivy’ iyo misi mikuru, batanga ibimazi vy’ishimwe, bakengurukira Uhoraho Imana ya ba sekuruza.


Erega har’ igihe kirekire Abisirayeli bāmaze batagira Imana nyakuri, batagira abaherezi bo kubigisha, badafise n’ivyagezwe.


ngo Kuko watsinzwe mu mutima wawe, ukicisha bugufi imbere yiwe, igihe wumva ivyo yavuze kur’ aha hantu bo n’abahaba, ingene hazocika imisaka n’ikivume, ukitantamurirakw impuzu zawe, ukaririra imbere yiwe, ngo Na we arakwumvise; ni k’Uhoraho agize.


Maz’ umwami yumvise amajambo yo mur’ ico gitabo c’ivyagezwe, yitantamurirakw impuzu ziwe.


sinatamiye kur’ ivyo vyarobanuwe ngandaye; sinabiteruye mpumanye, canke ngo ndabitange kw ibiterekerezwa imizimu; ariko numviye wewe Uhoraho Imana yanje, nitondeye ivyo wangeze vyose.


Mubabare, muboroge, murire; ibitwengo vyanyu bihinduke amaborogo, umunezero uhinduke umubabaro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite