Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 8:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Kandi Ezira abasomera igitabo c’ivyagezwe vy’Imana umusi n’ umusi, uhereye ku musi wa mbere ukageza ku wuheruka. Bāmaze imisi indwi bagira imisi mikuru; ku musi ugira umunani haba ikoraniro ry’agahebuza nk’ukw ivyagezwe bivuga.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 8:18
7 Referans Kwoze  

Bukeye ku musi ugira umunani muze mugire ikoraniro ry’ agahebuza; ntimuze mugire igikorwa kiruhisha muwukorako;


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi, uko bukeye muze munshikanire ibimazi bitōngōrwa n’umuriro; umusi ugira umunani muze muwugire uwo gukorana kwera: muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro: rize ribe ikoraniro ry’agahebūza; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Nuko ku musi uherūkira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera, ati Namba har’ ūfise inyota, n’aze kuri jewe, anywe.


Uk’ umwaka utashe, muze muhore mugira iyo misi mikuru ndwi yo kunyubaha: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: muze mugire iyo misi mikuru mu kwezi kw’indwi.


Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


Ezira agisoma ahagaze yerekeye ico kibuga kir’ imbere y’irembo ry’amazi, agisomera abagabo n’abagore n’ abandi bashoboye kwumva, uhereye mu mutwenzi ugashitsa mu mashōka, kand’ abantu bose bari bateze amatwi bumviriza ivy’ ico gitabo c’ivyagezwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite