Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 7:70 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

70 Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza batanze imfashanyo yo gufasha ico gikorwa, n’icēgēra c’umwami na we atanga amahera y’izahabu yitwa dariki igihumbi, n’ibikombe mirongwitanu, n’ imyambaro amajana atanu na mirongwitatu y’abaherezi, babishira mu bubīko.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 7:70
15 Referans Kwoze  

Nehemiya icēgēra c’umwami, na Ezira umuherezi, umunyabgenge w’ivyanditswe, n’Abalewi ari bo bigisha abantu, baraheza bababgira bose, bat’ Uyu musi n’ uwo Uhoraho Imana yanyu yejeje, nta co mubabara kandi reka kurira; kukw abantu bose bariko bararira, aho bumviye amajambo y’ ivyagezwe.


kandi n’ibikombe, n’ivyotero, n’inzavya, n’imibindi, n’ibiterekwakw amatara, n’udukombe, n’ ubgavya, uwo mukuru w’abashibamyi arabijana, ivyacuzwe mw izahabu ukwavyo, n’ivyacuzwe mw ifeza ukwavyo.


Abāshizekw ikimenyetso n’ aba: icēgēra c’umwami, ari we Nehemiya mwene Hakaliya, na Zedekiya,


Umucamatēka arababuza ngo ntibarye ku vyera cane, kugeza igihe hazobonekera umuherezi afise Urimu na Tumimu.


Maz’ imibindi n’ivyuma vyo kuyora umunyota n’imibehe Huramu arabikora na vyo. Uko ni ko yanonosoye igikorwa yakorera umwami Salomo c’ingoro y’Imana.


Abāza n’ameza cumi, ayatereka mu rusengero, atanu mu ruhande rw’i buryo, yandi atanu mu ruhande rw’i bumoso nyene. Acurisha n’amakarabo ijana mw izahabu.


amuha n’ icitegererezo c’ibintu vyo kwōkōza inyama, n’imibehe n’ibikombe, uko bizocurwa mw izahabu iramuye, amugereraniriza n’urugero rw’ amazahabu yo kuzocurishamw’ inzavya zose, n’urw’ amafeza yo kuzocurishamw’ inzavya z’amafeza nyene;


na ya mibindi na vya vyuma vyo kuyora umunyota na ya mibehe; ivyo bintu vyose Hiramu yakoreye umwami Salomo vy’ingoro y’Uhoraho, yabikoze mu miringa y’imyakaka.


Mose yābīra igice ca kabiri c’amaraso, agisuka mu nzavya, ikindi na co akimija ku gicaniro.


Mwiyabīrire agakama ka ezobu, mukajōbeke mu maraso ari mu rwavya, mumijagire ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebge asohoka mu nzu yiwe gushitsa mu gitondo.


n’ingamiya zabo zār’ amajana ane na mirongwitatu na zitanu, n’indogoba zabo ibihumbi bitandatu n’amajana ndwi na mirongwibiri.


Bamwe mu bakuru b’amazu ya ba sekuruza bashira mu bubiko burimw’ ibikoreshwa, dariki z’izahabu ibihumbi mirongwibiri, n’ifeza irivye ingero yitwa mina ibihumbi bibiri n’amajana abiri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite