Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 7:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa, na Nehemiya na Azariya, na Rayamiya na Nahamani, na Moridekayi na Bilishani, na Misipereti na Bigivayi, na Nehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 7:7
15 Referans Kwoze  

ni bo bāzananye na Zerubabeli na Yosuwa na Nehemiya, na Seraya na Reyelaya na Moridekayi, na Bilishani na Misipari na Bigivayi, na Rehumu na Bayana. Igitigiri c’abagabo bo mu Bisirayeli ngiki:


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


Kandi mu maso havyo n’amababa yavyo vyari bihānye inta ahahera hejuru; amababa abiri ya kimwe‐kimwe yasomana n’ay’ ikindi, yandi abiri agatwikira umubiri waco.


Yosuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu avyara Yoyada,


na Salu na Amoki na Hilukiya na Yedaya wundi. Abo ni bo bār’ abakuru b’abaherezi na bagenzi babo mu gihe ca Yosuwa.


na Shekaniya na Rehumu na Meremoti,


Aba ni bo baherezi n’Abalewi bādūganye na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa; ni Seraya na Yeremiya na Ezira,


Nuk’ umwami arambaza, ati Mbega k’ubabaye, wiraburaniwe mu maso, kand’ utarwaye? Ivyo ntibiterwa n’ikindi, atar’ umubabaro wo mu mutima. Ndaheza ngira ubgoba bginshi;


Bukeye Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa mwene Yehozadaki bakūra hasi, batangura gusubira kwubaka ingoro y’Imana ir’i Yerusalemu, bari kumwe n’ abo bavugishwa n’Imana babafasha.


Aba ni bo bantu bo mu gihugu cacu bādūze bava mu kinyago mu bo Nebukadineza umwami w’i Babuloni yajanye ar’ inyagano, bakagaruka i Yerusalemu n’i Buyuda, umuntu wese agasubira mu gisagara c’i wabo;


abo mu ba Paroshi n’ ibihumbi bibiri n’ijana na mirongwirindwi na babiri.


Aba ni bo bāgaba intāra bāba i Yerusalemu; ariko mu bisagara vy’i Buyuda umuntu wese yaba kw itongo ryiwe mu gisagara c’i wabo, Abisirayeli bose n’abaherezi, n’Abalewi n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, bo n’ abākomotse ku basavyi ba Salomo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite