Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 7:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Imana yanje impa ivyiyumviro vyo gukoranya abakuru n’abaganza n’abantu bose ngo mbandikishe ivy’ akārōnda kabo. Ndondeye mbona igitabo kidonda ivy’ akārōnda k’abābanje kudūga, mbona ko handitswemw’ ibi:

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 7:5
15 Referans Kwoze  

Ntimuzimire, bene Data nkunda.


ico ni co kintamisha, mbirwanira nk’uk’ ubushobozi bgiwe buri, bunkoreramwo bishimitse.


Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira.


s’uko dushobora ubgacu kwiyumvira ikintu cose nk’ah’ ari twebge candurutseko, ariko dushobozwa n’Imana;


Arik’ ubuntu bg’Imana ni bgo bgatumye mba uko ndi, kand’ ubuntu bgayo nagiriwe ntibgabaye ubg’ ubusa, ariko natamye kurusha bose; ariko si jewe yamara n’ubuntu bg’Imana bgari kumwe nanje.


abo bārondeye amazina yabo mu gitabo kidōndōra ba sekuruza, ntibayabona, ni co gituma biyumviriwe nk’ abahumanye, bagakūrwa mu buherezi.


Ndaheza ndasenga, nt’ Ewe Mana yanje, uze wibuke Tobiya na Sanibalati kubg’ ivyo bakoze, hamwe na Nowadiya wa mumenyikazi, n’abandi ba kamenyi bashatse kuntera ubgoba.


Ndaheza ndasenga, nti Mana yanje, ivyo nagiriye aba bantu uz’ ubinzirikaneko, ubinyishure ivyiza.


Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.


abo bārondeye amazina yabo mu gitabo kidondora ba sekuruza, ntibayabona, ni co gituma biyumviriwe nk’abahumanye, bagakūrwa mu buherezi.


Kand’ ico gisagara cari kinini kikagera kure, arikw abantu bakibamwo bari bakiri bake, kand’ amazu ntiyaribgubakwe.


Kuk’ Uhoraho atanga ubgenge, Mu kanwa kiwe havamw’ ukumenya n’ugutahura.


Umumenye mu ngendo zawe zose, Na we azogorora inzira zawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite