Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 6:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Ndaheza ntuma kumwishura, ut’ Ivyo uvuga nta ho vyigeze bibaho, ut’ Ariko ni wewe wavyigeneye gusa.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 6:8
12 Referans Kwoze  

Ururimi rwawe rwigenera kugeseza, Rumeze nk’urupfuhe rukarishe, rukora ivy’ ubugunge.


Ariko mwebge mur’ abarementanya ibinyoma; Mwese mur’ abavūzi b’imburakimazi.


Ariko Paulo aramwishura, ati Mpagaze aha imbere y’intebe y’imanza ishinzwe na Kayisari, ni ho nkwiye gucirwa urubanza. Nta kibi nagiriye Abayuda, kandi nawe urabizi neza.


Na we ashitse, Abayuda bamanutse bavuye i Yerusalemu baramukikiza, bamurega ibirego vyinshi bikomeye, ivyo badashobora kuronkera icagiriza.


Mwebge mur’ aba so wa Murwanizi, kand’ ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye ubga mbere na mbere ar’umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kukw ata kuri kuri muri we. Iy’ avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kukw ar’ umunyabinyoma, kand’ ari we se wavyo.


Mwa bana b’inzoka mwe, mwoshobora mute kuvuga ivyiza muri babi? Ibibōgabōga mu mutima ni vyo akanwa kavuga.


Abo bami bompi imitima yabo izoba iyo gukora ikibi; bazovugana ibinyoma bari ku meza amwe: arikw ivyabo ntibizororana, kukw iherezo rizoza mu gihe cashinzwe.


Nta witwarira uwundi mu buryo buroranye, nta n’ūbūrana ivy’ ukuri; bizigira ibitagira ikimazi, bakavuga ibinyoma; basama inda z’ ukugira nabi, bakavyara ibigabitanyo.


Kand’ abahama ubugingo bganje bantega imitego; Abandonderera ivyago bavuga ivyo kunyigamba, Biyumvira ivy’ ubugunge umusi ukīra.


Amagambo yo mu kanwa kiwe n’ukugabitanya n’ubugunge; Yaretse kugira ubgenge no gukora ivyiza.


Bitayeko ngo Washizeho ba kamenyi bo kukwāmāmaza i Yerusalemu, ngo Mu Bayuda har’ umwami. Izo nkuru ntibobura kuzibgira umwami: none rero n’ uze tubivugane.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite