Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 6:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 canditswemwo ngo Mu mahanga humvikana impuha, kandi na Geshemu aravyemeza, yuko wewe n’Abayuda muri n’imigabo yo kugarariza, kandi kw ari yo nyanduruko yatumye mwubaka uruzitiro, kandi nawe ng’ ugomba kwiyimika.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 6:6
16 Referans Kwoze  

Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


mufise imitima itarimw’ ijwi ribāgiriza ikibi, kugira ngo no ku vyo muvugwa nabi, abatuka ingeso zanyu nziza zo muri Kristo bamāramāre.


Kandi n’iki kitubuza gukora ibibi kugira ngw ivyiza bibeho? (nk’uko batubeshera, kandi bamwe bavuga ko twigisha). Abakora bartyo bazocirwa urubanza bakwiranye.


Urazirikanye, Abayuda bāvuye iyo, bakaza bakadusanga i Yerusalemu, ubu bariko barasubira kwubaka ico gisagara kibi c’ikigarariji; bariko baruzuza uruzitiro, basana n’ amatanguriro.


mu cubahiro no mu gakēngērwe, mu mugayo no mw ishimwe; twiyumvirwa nk’abanyabinyoma, ariko tur’ abanyakuri;


Nuko Pilato yumvise ayo magambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y’imanza, yar’ ahantu hitwa Musezero w’amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata.


Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.


Namwe muzoba muhiriwe aho bazobatuka bakabahama bakabarementaniriza ibibi vyose babampōye.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


kugira ngo barondere mu gitabo kidonda ivyagenda biba ku ngoma za ba sogokuruza. Nuko uzobisanga mur’ ico gitabo, kand’ uzomenya yukw ico gisagara ar’igisagara cama kigarariza, kikazana ubuhombe ku bami no ku bihugu vyabo, kikāma gitera umugararizo uhereye no mu bihe vya kera; mbere ni vyo vyatumye ico gisagara nyene gisangangurwa.


Ubugira gatanu Sanibalati asubira kuntumak’ umuntu wiwe kuno nyene, amurungikana n’ icete kitazinze,


Bitayeko ngo Washizeho ba kamenyi bo kukwāmāmaza i Yerusalemu, ngo Mu Bayuda har’ umwami. Izo nkuru ntibobura kuzibgira umwami: none rero n’ uze tubivugane.


Bāmuhēreye ngw antere ubgoba, mpeze nemere inama yiwe, mbe ncumuye, na bo ngo baronke urwitwazo rwo kwanda inkuru mbi no kunyambika ibara.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite