4 Bantumako bartyo ibihetangabo bine, nanje ngenda mbishura kwa kundi nyene.
Abo ntitwabumviye na gatoya ngo tuganzwe na bo; kugira ng’ ukuri kw’ubutumwa bgiza kugume muri mwebge.
Nuko bene Data nkunda, mukomere ntimunyiganyige, murushirize imisi yose gukora ibikorwa vy’Umwami wacu, kuko muzi yuk’ ubutame bganyu atar’ ubg’ ubusa mu Mwami.
ariko kuk’ uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza.
Imburabgenge yemera ijambo ryose, Arik’ umunyamakenga agenda agavye.
Amuryesharyeshakw akarimi keza, Amukwegesha guhemana kw’ iminwa yiwe.
Maze Delila abarira Samusoni, at’ Ereg’ urampenze, umbariye ibinyoma! Enda se, ndakwinginze, mbarira icoshobora kukuboha.
Nuko Delila abarira Samusoni, ati Ndakwinginze, mbarira ah’ inkomezi zawe nyinshi ziva, n’icoshobora kukuboha, ugashira amanyama.
Maze mbatumakw intumwa, mut’ Arikw arakora igikorwa gihambaye, ntashobora kuza; muti Ntiyota igikorwa ngo gihagarare, ngw amanuke abasange iyo.
Ubugira gatanu Sanibalati asubira kuntumak’ umuntu wiwe kuno nyene, amurungikana n’ icete kitazinze,