Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 6:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Nuko Sanibalati na Geshemu baca bantumako ngo ngende duhūrire mu mihana yo mu kiyaya c’i Ono. Arikw ico bāgomba kwar’ ukungirira nabi.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 6:2
15 Referans Kwoze  

Umunyakibi aja inama yo kugirira umugororotsi nabi, Kand’ amuryaniriza imisaya.


Bene Elipali ni Eberi na Mishamu na Shemedi; Shemedi uwo ni we yubatse Ono na Lodi bo n’ibisagara bihakūkira;


n’i Lodi n’i Ono ari co kiyaya c’ abanyamyuga.


Maze baza kuri wewe nk’ ukw abantu basanzwe baza, bakicara imbere yawe nk’ah’ ar’ abantu banje, bakumviriza amajambo yawe, ariko ntibayakore: kuko berekanisha akanwa kabo urukundo rwinshi, yamar’ imitima yabo ikurikira ukwiyungukira kwabo.


Maze Ishimayeli mwene Netaniya avana hasi n’abo bagabo cumi bāri kumwe na we, bacumita inkota Gedaliya mwene Ahikamu, Ahikamu wa Shafani, baramwica, kand’ ari we umwami w’i Babuloni yashizeho kuganza igihugu.


Maze mbona ubutame bgose n’ igikorwa cose c’ubuhinga, yuko kubg’ ivyo umuntu agirirwa ishari na mugenzi we. Ivyo na vyo n’ ubusa, no guhahamira umuyaga.


Umunyakibi agenzura umugororotsi, Akarondera ingene yomwica.


Bose barabeshana, umuntu wese na mugenzi we: Bavugisha iminwa ihemana n’imitima ibiri.


Yowabu abarira Amasa, ati N’amahoro ga ncuti? Yowabu araheza afatisha Amasa ukuboko kw’i buryo ku rusakanwa nk’ ūgira amusome.


Nuko Abuneri ashitse i Heburoni, Yowabu amwihererana hagati y’ amarembo, nk’ūgira abonane na we ata wumva; araheza amucumita ku nda, agwaho, amuhōye amaraso ya murumuna we Asaheli.


Maze mbatumakw intumwa, mut’ Arikw arakora igikorwa gihambaye, ntashobora kuza; muti Ntiyota igikorwa ngo gihagarare, ngw amanuke abasange iyo.


Akurikirwa n’abaherezi bo mur’ iyo ntāra.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite