12 Maze mvyitegereje mmenya kw atar’ Imana yabimutumye, ariko yaje kubimbgira kuko Tobiya na Sanibalati bāri bāmuhēreye.
Ut’ Ibinyoma vyanyu ko mwabibabarishije umutima w’umugororotsi uwo jewe ntābabaje, mukaremesha umunyakibi kugira ngo ntāhindukire ngw ave mu nzira yiwe mbi, ngw akire;
n’ibisosa vyitwa mudarasini, n’imbazi, n’imibavu, n’amavuta amota neza, n’isenga, na vino, n’amavuta ya elayo, n’ifu isetse neza, n’ingano, n’inka, n’intama, n’amafarasi, n’imikogote, n’imibiri y’abantu n’ubugingo bgabo.
Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.
Muragire ubusho bg’Imana bgo muri mwebge, mutaburagira nk’abagōberewe, ariko mubikunze, nk’ukw Imana igomba: ntimuburagirishwe no kurondera inyungu mbi, ariko muburagire mushize igikonyo.
Kuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, nk’umubgiriza w’Imana nyene; kandi ntakwiye kuba ūdakūrwa kw ijambo, cank’ ūsugurirwa, cank’ umunywi wa vino, cank’ umusinzi, cank’ uwifuza inyungu mbi;
atar’ umunoho wa vino, cank’ umusinzi, arikw abe umugwaneza, atitoraguza, atar’ inkunzi y’amahera,
uwundi agahābga gukora ibitangaza, uwundi agahabga kuvugishwa n’Imana, uwundi agahabga kurobanura impwemu, uwundi agahabga kuvuga indimi nyinshi, uwundi agahabga gusobanura indimi:
Arik’ umuntu w’impwemu asesa vyose, kand’ ubgiwe nta wumusesa.
Nta co nifuje, ar’ ifeza ar’ izahabu ar’ ivyambarwa vy’umuntu n’umwe.
Abakuru baho baca imanza kubg’ ingurire, n’abaherezi baho bigishiriza ingero, n’abavugishwa baho baragurira kubona ingemu: yamara bisunga Uhoraho, bakavuga, bati Mbeg’ Uhoraho ntari muri twebge? bat’ Erega nta cago kizodushikako.
Uti Mwamutītūje mu bantu biwe ngo mwironkere ingemu z’ amashi ya sayiri n’ubumanyagu bg’imitsima, uti Kugira ngo mwice abantu batāri bakwiye gupfa, mukize abatāri bakwiye kubaho, uti Mu buryo mubesha abantu biwe bakunda kwumviriza ibinyoma.
Mbega ntimwarose inzozi z’ubusa, n’indagu mwavuze s’ibinyoma, ko muvuga ngo Ni k’ Uhoraho agize, na we ata co yavuze?
Nuk’ ūvugishwa n’Imana Yeremiya aca abarira Hananiya kamenyi, ati Ni wumve, Hananiya: Uhoraho ntiyagutumye, ariko wizigiza ubu bgoko ivy’ ibinyoma.
Numvise ivyo ba kamenyi bavuga, barotora ibinyoma mw izina ryanje; bati Narose, narose.
Nuk’ uku ni k’ Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ati Ntimwumvirize amagambo abo ba kamenyi bababarira; babigisha ibitagira ikimazi; barotora ivyo beretswe bivuye mu mitima yabo ubgabo, bitavuye mu kanwa kanje Uhoraho.
Uhoraho aranyishura, at’ Abo ba kamenyi bavuga ibinyoma mw izina ryanje: sinabatumye, nta co nabageze, nta co nababariye: babarotorera ivyo beretswe vy’ibinyoma, n’ indagu, n’ibitagira ikimazi, n’ ubuhuhuta bgo mu mitima yabo.
Mbere n’imbga z’ ibigunya, zitigera zihāga; kand’ abo bameze bartyo n’abungere! Nta co bashobora gutahura; bose bījaniye inzira zabo ubgabo, umuntu wese yironderera inyungu impande zose.
Abo nkunda, ntimwemere impwemu zose, ariko mugerageze impwemu ko zavuye ku Mana: kukw abigira abavugishwa n’Imana benshi bādutse mw isi.
Nanje ndamwishura, nti Mbeg’ umuntu nkanje nohunga? Kand’ umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ngo yikize? Eka sinjayo!
Bāmuhēreye ngw antere ubgoba, mpeze nemere inama yiwe, mbe ncumuye, na bo ngo baronke urwitwazo rwo kwanda inkuru mbi no kunyambika ibara.