Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 6:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Nanje ndamwishura, nti Mbeg’ umuntu nkanje nohunga? Kand’ umuntu nkanje yokwinjira mu rusengero ngo yikize? Eka sinjayo!

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 6:11
20 Referans Kwoze  

Maze Paulo aratubaza, ati Mukora ibiki, kurira mundandura umutima? Siniteguye kuboherwa gusa i Yerusalemu, ariko no gupfirayo, kubg’ izina ry’Umwami Yesu.


Abanyakibi bahunga ata wubirukanye, Arikw abagororotsi bagumya umutima nk’intambge.


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


Ariko simbabaye ubugingo bganje nk’ah’ ar’ubg’ igiciro, kugira ngo ndangize urugendo rwanje, n’igikorwa nahawe n’Umwami Yesu, co gushingira intahe ubutumwa bgiza bg’ubuntu bg’Imana.


Umutima wiwe urahamangiye, ntazotinya, Gushitsa ah’ azokwibonera abansi biwe.


Kukw atazokwigera anyiganyizwa; Umugororotsi azokwibukwa ibihe bidashira.


Ukwizera ni kwo kwatumye ava muri Egiputa, ntiyatinya uburake bg’umwami, kuko yashikamye nk’ah’ abona Ītaboneka.


kuko yagarukiye hafi yo gupfa kubg’ igikorwa ca Kristo, yahevye amagara yiwe, ngw ashikane ivyasigaye vyo kumfasha kwanyu.


Isāzi zipfuye zituma amavuta yinjijwe n’abahinga babimogoreye anuka umuduhu: ni ko n’ubupfu naho bgoba buke bgonona ubgenge n’icubahiro.


Kuko bose bāgomba kudutera ubgoba, bati Bazohava bacika intege, igikorwa gihere aho. Ariko none Mana, undemeshe.


Maze mbatumakw intumwa, mut’ Arikw arakora igikorwa gihambaye, ntashobora kuza; muti Ntiyota igikorwa ngo gihagarare, ngw amanuke abasange iyo.


kuko yahevye amagara yiwe, akica wa Mufilisitiya, Uhoraho akarokora Abisirayeli uburyo bukomeye. Nawe ubibonye uranezerwa. None n’iki kigutera kugira nabi, ukavisha amaraso y’ūtācumuye, ngo wice Dawidi umuhōye ubusa?


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


Kand’ azoherengeteza ubgiza bg’ikibira ciwe, n’ubg’ indimiro yiwe imera cane, aherengeteze uhereye ku bugingo ugashitsa ku mubiri; bizomera nk’umurwayi yagongoberanye.


Maze mvyitegereje mmenya kw atar’ Imana yabimutumye, ariko yaje kubimbgira kuko Tobiya na Sanibalati bāri bāmuhēreye.


Ushireho Aroni n’abana biwe, abe ari bo bazezwa igikorwa c’ubuherezi bgabo: kand’ uwundi wese atar’ uwo muri bo yovyēgēra akavyitamwo, aze yicwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite