Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 6:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 6:1
10 Referans Kwoze  

Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.


Bukeye Sanibalati yumvise ko twubaka urwo ruzitiro rw’ amabuye, araraka arashangashirwa; aca aratunegura twebge Abayuda,


Irembo ryitwa iry’ Amafi ryubakwa na bene Hasenaya, barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Irembo rya kera ryasanwe na Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya; barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Barangije kwubaka uruzitiro nca nterakw inzugi hose, ntora abashibamyi ndabashiraho, nongera nshirah’ abaririmvyi n’ Abalewi.


Arikw ivyo bitarabaho, Eliyashibu umuherezi, ari we yajejwe ivyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu, kandi yar’ incuti ya Tobiya,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite