9 Ndongera ndavuga, nt’ Ivyo mukora si vyiza. Mbeg’ ibikwiye s’uko mugenda mwubaha Imana yacu, ntimwitukishe mu bansi bacu b’abanyamahanga?
Ntihaze hagire ūmwaka inyungu cank’ ibirenze ku vyo yatwaye, arikw agende antinya jewe Imana yiwe; kugira ng’ uw’i wanyu abone ingen’ abana namwe.
mugire ingeso nziza mu mahanga, kugira ngo, no ku vyo babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, ibikorwa vyanyu vyiza babona bize bitume bahimbaza Imana ku musi ibagendeye.
Ariko kuko wahaye abansi b’Uhoraho urwitwazo rukomeye rwo kumurogotako kubg’ ico wakoze, wa mwana wavyara ntakabuza azopfa.
no kudahugumba, no kwirinda ubgēruzi, no kwubaka ingo zabo, no kuba inda nziza, bagororokere abagabo babo, kugira ngw ijambo ry’Imana ntiritukwe.
Ni co gituma ngomba kw abapfakazi bakiri bato bābīrwa, bakavyara abana, bakubaka ingo zabo, ntibahe umurwanizi urwitwazo rw’ibitutsi.
Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga, nk’uko vyanditswe.
Nukw ishengero ryose ryari hose i Yudaya n’i Galilaya n’i Samariya rigira amahoro, rirahangama: kandi rigenda ryubaha Umwami Yesu, rihagarikiwe na Mpwemu Yera, riragwira.
Kandi bamaze gushika mu mahanga bāgiyemwo, bātukishije izina ryanje ryera; kukw abantu bābavuga, ngw Aba n’abantu b’Uhoraho, kandi ngo Bavuye mu gihugu ciwe.
N’aya nyene n’amajambo y’ abanyabgenge. Mu manza si vyiza gutinya abantu ku kigohe.
Ikindi, umutima kutagira ubgenge si vyiza, Kand’ ūgenda yihutagiza ahusha inzira.
Mu manza si vyiza gutinya umunyakibi ku kigohe, Canke gutsindisha umugororotsi.
Si vyiza gucira igihano umugororotsi, Canke gukubitira abapfasoni ubugororotsi bgabo.
Umuntu w’ikirara yosha mugenzi we, Amujana mu nzira itari nziza.
Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.
Maze ndasenga, nti Mana yacu, ni wumve ingene dukengerewe; ibitutsi vyabo abe ari bo bisubira ku mitwe; ubatange bajanwe mu mahanga ar’ inyagano.
Eka bana banje, ivyo numva bavuga kuri mwebge si vyiza, kandi muracumuza abantu b’Uhoraho.
Ku musi ugira gatatu, Yosefu arababarira, at’ Enda genza murtya, mwoye gupfa, kuko ntinya Imana:
Aburahamu aramwishura, ati N’uko nibgiye rwose yukw ata gutinya Imana kuriho ino; nti Kandi bazonyica bampora umugore wanje.
Na jewe nyene, twe na bene wacu n’ abantu banje, har’ abamaze kutugurānakw amahera n’impeke; non’ enda tubibahebere.
Ni nde azi inkomezi z’uburake bgawe? Akamenya n’ubushangashirwe bgawe, ingene wewe ukwiye kwubahwa?