Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 5:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Mmaze kuvyiyumvirako nca ntonganya abakuru n’abaganza, ndababgira, nti Mbega bene wanyu ko mubāka inyungu ku ngurāne! Ndaheza mpamagara ikoraniro rinini ngo ndababūranye.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 5:7
25 Referans Kwoze  

Ntihaze hagire ūmwaka inyungu cank’ ibirenze ku vyo yatwaye, arikw agende antinya jewe Imana yiwe; kugira ng’ uw’i wanyu abone ingen’ abana namwe.


Ni hagira ūgurāna amahera umuntu uw’ ari we wese wo mu bantu banje, w’umubanyi wiwe w’umworo, ntaz’ amwugarize mu kumwishuza, kandi ntaz’ amucire ay’ inyungu.


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Ntagurānira amahera kuzohabga ay’ inyungu, Ntiyemera ingurire yo gutsindisha ūfise urubanza. Ūgenza artyo nta kizomunyiganyiza.


Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.


Wame uvuga ivyo, ubahanūra, ubahana, nk’ūfise ububasha rwose. Ntihakagire ūgukēngēra.


Abakora ivyaha ubahanire mu maso ya bose, kugira ngw abandi na bo batinye.


Ariko Kefa aje muri Antiyokiya, mmugisha impāri imbonankubone, kuko yari n’ibimutsindishije.


Ni co gituma uhereye none tutakigira uwo tumenya ku vyo ku rukoba; naho twari tuzi Kristo mu vy’ umubiri, ariko none ntitukimumenya durtyo.


N’atabumvira ubgire ishengero; ni yanka kwumvira ishengero na ryo, kuri wewe azoba nk’umunyamahanga n’umutozakori.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Guhanira ahibonekeza Kuruta urukundo rudaseruka.


Wavuze, uti Ni murondere mu nyonga hanje; umutima wanje urakwishuye, Uti Mu nyonga hawe ndaharondera, Uhoraho.


Uhoraho, ni nde azosembera mw ihema ryawe? Ni nde azogerēra ku musozi wawe wera?


Mwiyubare, ntimukore icaha: Mucuragize mu mitima yanyu muri ku mariri, mucereje. Sela.


Ūmwishuza az’ akume ivyo yar’ afise vyose, Inyambukīra zinyage ivyo yacumukuriye.


maz’ uburake bganje bukaziriringa, nkabīcīsha inkota, abagore banyu bagasigara ar’ abapfakazi, n’abana banyu bakaba impfuvyi.


Ni nde azokūra hasi ngw antabare kurwanya abanyavyaha? Ni nde azohagarara akantabara ngo turwanye inkozi z’ibibi?


Abataye ivyagezwe bashima abanyakibi, Arikw abitondera ivyagezwe barabarwanya.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite