Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 5:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Numvise ayo majambo n’amaganya yabo nca ndaraka rwose.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 5:6
8 Referans Kwoze  

Maze ndabahambarira ndabavuma, mbere bamwe ndanabakubita, mbashikura umushatsi, ndaheza mbarahiza Imana, nti Ntimuze mutirimuke ngo musubire gushingira abakobga banyu abahungu babo, canke ngo musabire abahungu banyu abakobga babo, kandi namwe ntimukabābīrire.


Ni mwaraka ntibibakoreshe icaha: izuba ntirirenge mukiratse,


Mose araraka cane, asaba Uhoraho, ati Ntiwemere amashikanwa yabo; urazi kw ata we nanyaze indogoba n’imwe, canke ngo hagire n’umwe nagiriye nabi.


Kand’ aba banyarugo bawe bose bazomanuka baze iyo ndi, bankomere ibōbo, bati N’ugende, mwe n’abantu bose bagukondoreye inyuma. Aho ni ho nzoca ngenda. Nuko Mose arasohoka ava imbere ya Farawo, aratse cane.


Aberaguzamw’ amaso, aratse, ababazwa n’ukw imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu, ati Ramvura ukuboko kwawe. Arakuramvura, kurakira.


Birambabaza cane, ni co catumye nshibagurira hanze ibintu vyose vya Tobiya vyari mur’ ico cumba,


Mmaze kuvyiyumvirako nca ntonganya abakuru n’abaganza, ndababgira, nti Mbega bene wanyu ko mubāka inyungu ku ngurāne! Ndaheza mpamagara ikoraniro rinini ngo ndababūranye.


Ubushangashirwe buramfashe, Mbutewe n’abanyakibi bareka ivyagezwe vyawe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite