Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 5:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Yamara rero, imibiri yacu n’ imwe n’iya bene wacu, kand’ abana bacu ni bamwe n’ababo; kand’ ehe rāba abahungu bacu n’abakobga bacu turiko turabata mu buja. Mbere bamwe bo mu bakobga bacu baramaze kubushikamwo, kandi twabuze uko tugira, kukw amatongo yacu n’inzabibu zacu bimaze kujanwa n’abandi.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 5:5
10 Referans Kwoze  

Bukeye haza umugore kuri Elisa; umugabo wiwe yar’ uwo mu biga ivy’ ukuvugishwa; aramutakambira, at’ Umusavyi wawe, ari we mugabo wanje, yarapfuye; kand’ urazi ko yubaha Uhoraho. Non’ ūtwishuza araje, kand’ agomba gutwara abahungu banje bompi ngw abagire abagurano biwe.


Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukagaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?


Enda ni muze tumugure na barya Bishimayeli, amaboko yacu yoye kumukorako, kukw ari mwene data, tukaba akara kamwe. Baca baramwumvira.


Ariko kukw atar’ afise ico yishura, shebuja agera ko bamugura, n’umugore, n’abana, n’ivy’ afise vyose, ng’ umwenda wishurwe.


Labani aramubgira, ati N’ukuri ur’ ubura bganje, ur’ amaraso yanje. Bamaranye ukwezi kumwe,


Uku ni k’Uhoraho abaza, at’ Icete c’uko tuvavanuye na nyoko, ico namwirukanishije, kiri hehe? Cank’ uwo narīriye umwenda ngatanga mwebge ngo mube inyishu, ari hehe? Ereg’ ukugabitanya kwanyu ni kwo kwatumye mutangwa, kand’ ibicumuro vyanyu ni vyo vyirukanishije nyoko.


Umutunzi atwaza aboro amanyama, Kand’ uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite