Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 5:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi n’abandi baravuga, bati Twagwatirije amatongo n’inzabibu zacu kugira ngo batugurāne amahera y’ikori ry’umwami.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 5:4
9 Referans Kwoze  

None nyaguhora ku ngoma, umenye yukw iki gisagara ni cubakwa, inzitiro zaco zikuzura, ntibazotanga ikori, cank’ ikibuguro, cank’ ingorore; nukw iherezo ryavyo abami bazokehanirwa.


Kandi ngo Hābamw’ abami bakomeye cane bāganza i Yerusalemu n’ igihugu cose co hakurya y’uruzi, ngo bagatorezwa ikori n’ikibuguro n’ingorore.


Ereg’ imyimbu myinshi abami waduhaye ngo batuganze kubg’ ivyaha vyacu, ni bo bayimburirwa; badufisek’ ubushobozi bgo kutugirira uko bagomba, ari ku mitumba yacu, ari ku nka zacu; eka turagowe rwose!


Kandi turabamenyesha ivy’ abaherezi n’Abalewi, n’abaririmvyi n’abashibamyi, n’abahawe ibango ry’ibikorwa vy’urusengero, n’abakozi bo mur’ iyo ngoro y’ Imana bose uko bangana, ko bitemewe ko bākwa ikori cank’ ikibuguro cank’ ingorore.


abuzukuruza babo bari barasigaye mu gihugu, abo Abisirayeli batāshoboye guherengeteza rwose, abo ni bo Salomo yatojemw’ abo gushinga ibikebere, abahindura abaja na bugingo n’ubu.


Mugabo ntibirukanye Abanyakanani bāba i Gezeri, arikw abo Banyakanani bībēra mu Befurayimu gushitsa n’ ubu, bahinduka abaja bo gushingwa ibikebere.


Abandi baravuga, bat’ Amatongo yacu n’inzabibu zacu n’amazu yacu tubitangakw ingwati kugira ngo turonke ibidutunga bizodutsindira ikigoyi.


Umutunzi atwaza aboro amanyama, Kand’ uwariye umwenda aba umushumba w’uwo yawuririye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite