Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 5:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Na bo baravuga, bati Turabibasubiza, kandi nta co tuzobāka kw inyungu; tuzobigenza nk’uk’ uvuze. Ndaheza mpamagaza abaherezi, ndahiriza abo bantu imbere yabo ko bazobikora nk’uko basezeranye.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 5:12
15 Referans Kwoze  

Nuko Ezira aca ava hasi, arahiza abakuru b’ abaherezi n’Abalewi n’Abisirayeli bose, yuko bazobigenza nk’uko bagiye inama. Nuko bararahira.


Zakayo arahagarara, abgira Umwami Yesu, ati Rāba Mugenzi, umugabane w’itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kand’ umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.


Ariko Yesu arihorera. Umuherezi mukuru aramubgira, ati Ndakurahiye Imana nzima, tubarire kw ari wewe Kristo, Umwana w’Imana.


Maze ndabahambarira ndabavuma, mbere bamwe ndanabakubita, mbashikura umushatsi, ndaheza mbarahiza Imana, nti Ntimuze mutirimuke ngo musubire gushingira abakobga banyu abahungu babo, canke ngo musabire abahungu banyu abakobga babo, kandi namwe ntimukabābīrire.


Kand’ abanyamahanga bo mur’ iki gihugu ni bagira ivyo bashora kw isabato, ar’ ibintu bashoye, ar’ ivyo kurya, ntituzogira ico tugura kw isabato canke ku wundi musi wose wejejwe. Kandi ku mwaka ugira indwi wose, tuzorāza indimiro zose, duheberanire n’imyenda yose.


abo bose bafatanya na bagenzi babo b’ abakuru, bararahira barīsiba ko bazohora bagendera mu vyagezwe vy’Imana vyatanzwe na Mose umusavyi wayo, kandi ko bazokwitondera amabgirizwa yose y’Uhoraho Umwami wacu, bakayashitsa, bo n’ivyo yihanikirije n’ivyo yashinze.


Nukw ikoraniro ryose bamwishura n’ijwi rirenga, bat’ Ic’ utugezeko ni co twemeye gukora.


Mber’ uyu musi mubasubize amatongo yabo, n’imirima yabo y’imizabibu n’imyelayo, n’amazu yabo; mubasubize na ca gice c’ijana c’amahera n’ic’ impeke n’ica vino n’ic’ amavuta ya elayo, ivyo mwābātse kw inyungu.


Bati Kand’ abakobga bacu ntituzobashingira abanyamahanga bo mur’ iki gihugu, n’abahungu bacu ntituzobasabira abageni mu bakobga babo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite