Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 5:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bukeye haba ugutaka gukomeye, abantu n’abagore babo bidodombera bene wabo b’Abayuda,

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 5:1
15 Referans Kwoze  

Kuk’ uruzabibu rw’Uhoraho Nyen’ ingabo ari rwo nzu ya Isirayeli, kand’ abagabo b’i Buyuda ari bo muzabibu wamuhimbara; kandi yabazigamw’ imanza zibereye arikw abasangamw’ uguhahaza: yabazigamw’ ubugororotsi arikw abasangamw’ amaborogo.


Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Bukeye bg’aho, asanga abarwana, ageza kubatātūra, ati Yemwe bagabo, mur’ umuryango umwe, n’iki gitumye mugiriranira nabi?


None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?


Bagatuma ugutaka kw’abagorwa kuyishikako, Ikumva ugutaka kw’impahazwa.


Uhoraho aramubarira, ati N’ukuri abantu banje bari muri Egiputa nabonye amarushwa barimwo, numvise gutaka kwabo batakishwa n’ababakoresha babahindagiza; kuko nzi imibabaro yabo,


Nuko nanje na bagenzi banje n’abantu banje n’abarinzi bāri kuri jewe, twese twama turāra twambaye, mbere n’ūgiye kuvoma wese yama agenda yitwaje ikirwanishwa ciwe.


Ijambo ryaje kuri Yeremiya rivuye k’Uhoraho, igihe umwami Zedekiya yar’ amaze gusezerana isezerano n’abantu bose b’i Yerusalemu, ryo gutanga umwidegemvyo;


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Birahāgije, yemwe ba segaba b’Abisirayeli: ni mureke umuryano no kunyaga, ni muce imanza zibereye n’iziroranye; mukūre ku bantu banje akadenderezo mubadendereza, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kand’ ikigeretseko mukora, mutotesha igicaniro c’Uhoraho amosozi, mwīriza, musuhuza imitima, bigatuma atanakibabaye amashikanwa yanyu, ngw ayākīre ayemeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite