Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 4:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Maze ndasenga, nti Mana yacu, ni wumve ingene dukengerewe; ibitutsi vyabo abe ari bo bisubira ku mitwe; ubatange bajanwe mu mahanga ar’ inyagano.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 4:4
7 Referans Kwoze  

Kand’ ababanyi bacu, ibitutsi bāgututse Mwami Ubibasubirize mu nkōko ibihetangabo ndwi.


N’ukuri yitamba ku muvyimba abacokoranyi, Arikw agirira ubuntu abicisha bugufi.


Efurayimu yarakije Uhoraho bikomeye, ni co gituma amaraso yiwe ari we azokora, kand’ Umwami wiwe azomusubiriza mu nkōko umuvumo yavumanye.


Maze Dawidi abaza abantu bahagaze i ruhande yiwe, at’ Uwokwica uwo Mufilisitiya, agakūra igitutsi ku Bisirayeli, bomugororera iki? Mbeg’ uwo Mufilisitiya w’intakebga n’iki, ah’ acōkōra ingabo z’Imana nzima?


Ndongera ndavuga, nt’ Ivyo mukora si vyiza. Mbeg’ ibikwiye s’uko mugenda mwubaha Imana yacu, ntimwitukishe mu bansi bacu b’abanyamahanga?


Ububi bgabo bgose ni bushike imbere yawe; Ubagirire nk’uko wangiriye umpōra ibicumuro vyanje vyose: Kuko kuniha kwanje ari kwinshi, kand’ umutima wanje ukaba udendebutse.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite