3 Kandi na Tobiya w’Umwamoni yar’ ahagararanye na we, aravuga, ati Ni mubareke bubake! N’imbgebge yosimbira kur’ urwo ruzitiro rw’ amabuye rwoca rusenyuka!
Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?
Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.
Muti None rero, enda shinga na shebuja umwami w’i Ashuri; muti Na we Rabushake araguha amafarasi ibihumbi bibiri, namba nawe ubgawe woshobora kuronka abo uyūriza.
Aravuga, ati Namba bazanywe no kwisaba, mubafate mpiri; na ho ni baba baje kurwana, na ho nyene mubafate mpiri.
Beni‐hadadi yongera kumutumako, muti N’umukungugu ur’ i Samariya, muti Ni waramuka ukwiye ingabo ziwe zimukakako, mut’ Umuntu wese ngw ayore n’urushi na rumwe, mut’ Imana zirakabimuhanira kandi birushirije!
Bitewe n’uk’ umusozi Siyoni ucitse amatongo: Imbgebge zisigaye zihatambatamba.
Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.
Ntihaze hagire Umwamoni cank’ Umunyamowabu agera mw ikoraniro ry’Uhoraho; haba n’ uwo mu runganwe rwabo azorigeramwo, eka mber’ uko ruzogenda rukurikirana gushitsa icumi;