Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 4:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Uhereye ico gihe mu bantu banje, igihimba cakoze ico gikorwa, ikindi gihimba bahagarara bitwaje amacumu n’inkinzo n’ imiheto, bambaye n’amakoti y’ ivyuma; kand’ abaganza bāri bahagaze inyuma y’Abayuda bose.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 4:16
8 Referans Kwoze  

Nuko nanje na bagenzi banje n’abantu banje n’abarinzi bāri kuri jewe, twese twama turāra twambaye, mbere n’ūgiye kuvoma wese yama agenda yitwaje ikirwanishwa ciwe.


Amaso yanje azoba ku bizigirwa bo mu gihugu, kugira ngo tubane: Ūgendera mu nzira itunganye, ni we azonkorera.


Nukw abansi bacu bumva ko vyamenyekanye muri twebge; Imana ihindura ubusa imigabo yabo, natwe twese dusubira ku ruzitiro, umuntu wese ku gikorwa ciwe.


Nukw abubaka uruzitiro n’abikorezi n’ababakorera, umuntu wese yakoresha ukuboko kumwe, ukundi gufashe ikirwanishwa ciwe.


Mushire amatandiko ku mafarasi, muheze mwūrire, mwebge abayagenderako, mutonde mwambaye inkofero z’ivyuma; murtyorore amacumu, mwambare ivyuma vyo gukīngira imibiri.


urwano rw’aho gucisha umutwe ruze rusaturwe muri wo hagati, kand’ urwo rwano ruze rutērwekw akandi kajishano kameze nk’umusōzo karukīkūze, rube nk’urwano rw’ikanzo y’icuma, kugira ngo ntiruze rucike.


Bose bitwaza inkota, kandi n’abahinga bo kurwana: Umuntu wese yambaye inkota kw itako ryiwe, Kubg’ ibiteye ubgoba vyo mw ijoro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite