Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 3:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Bakurikirwa n’ab’i Tekowa, arikw abapfasoni bo muri bo ntibarushe bemera gukora igikorwa ca Segaba.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 3:5
17 Referans Kwoze  

Hakurikirakw abantu b’i Tekowa, basana ikindi gihimba kirābana n’ uwo munara munini wometseko nyene, bashitsa ku ruzitiro rw’i Ofeli.


Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.


Muzirikane ihamagarwa ryanyu, bene Data, yukw ab’ ubgenge bg’abantu bāhamagawe atari benshi, abakomeye bāhamagawe atari benshi, abapfasoni bāhamagawe atari benshi.


None rero n’iki gitumye mugerageza Imana, mwikoreza abigishwa imitwaro ba sogokuruza batāshoboye kwikorera canke twebge?


mwikoreze ingata yanje, munyigireko; kuko nd’ umugwaneza, niyoroheje mu mutima; namwe muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu.


Amajambo ya Amosi wo mu bungere b’i Tekowa, y’ivyo yeretswe ku Bisirayeli ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, no ku ngoma ya Yerobowamu mwene Yehowasi, umwami w’Abisirayeli, avyeretswe, hashira imyaka ibiri kwa gutigita kw’isi kuraza.


Nuko mbarira Zedekiya umwami w’i Buyuda nk’ukw ayo majambo yose ameze, nti Ni mugondere izosi ingōgo y’umwami w’i Babuloni, mumusabe, musabe n’abantu biwe, mubone kubaho.


Maz’ ihanga ryose cank’ igihugu c’ umwami wese, ni habah’ abatemera gusaba Nebukadineza, uyo mwami w’i Babuloni, canke ngo bemere kugondera izosi ingōgo yiwe, iryo hanga nzorihana, ni k’ Uhoraho agize, ndarihanishe inkota n’inzara n’ikīza, gushitsa aho nzoba mperaheje kubaranduza ukuboko kwiwe.


riti Rondera imvuto n’ingōgo, bimwe uvyiyambike mw izosi,


Ni muvume Merozi, ni k’ umumarayika w’Uhoraho agize; Muvume abahaba mubakoze! Kuko batātabaye Uhoraho, Ngo bamutabare kurwanya abahizi.


Bakurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, mu kuhasana; na we akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, Berekiya wa Meshezabeli; na we akurikirwa na Sadoki mwene Bayana.


Irembo rya kera ryasanwe na Yoyada mwene Paseya na Meshulamu mwene Besodeya; barishiramw’ imitambikwa yaryo, baterako n’inzugi zaryo n’ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Yubaka Betelehemu na Etamu na Tekowa,


Muhunge mwikize, mwebge Babenyamini, muve hagati muri Yerusalemu; muvugirize inzamba i Tekowa, kand’ i Beti‐hakeremu muhashire inderetsi yo gutabaza; kukw ivyago bisēsetse i burārūko, n’ukugeseza gukomeye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite