Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 3:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Akurikirwa na Palali mwene Uzayi, asana aharābana n’ahihese, ahahera ku munara wometswe ku ngoro y’umwami yo haruguru, ahahereranye n’urugo rw’abateramyi. Na we akurikirwa na Pedaya mwene Paroshi,

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 3:25
12 Referans Kwoze  

Maz’ ico gihe ingabo z’uwo mwami w’i Babuloni zari zugarije i Yerusalemu: kand’ uwavugishwa n’ Imana Yeremiya yari yabohewe mu rugo rw’ibohero rwari rubangikanye n’ingoro y’umwami w’i Buyuda.


Nuk’ umwami Zedekiya aravuga, bashira Yeremiya mu rugo rw’ibohero, bamugaburira umutsima uko bukeye, bawuguriye ku nzira y’abacumvyi, gushitsa ah’ imitsima yose yahebūriwe mu gisagara. Nuko Yeremiya aguma ngaho mu rugo rw’ibohero.


Ijambo ry’Uhoraho ryongera kuza kuri Yeremiya ubugira kabiri, acugaraniwe mu rugo rw’ibohero,


Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.


abo mu ba Paroshi n’ibihumbi bibiri n’ijana na mirongwirindwi na babiri.


Abakaludaya banda umuriro ingoro y’umwami n’ amazu y’abantu, basangangura n’ inzitiro zikikije i Yerusalemu.


akavuga, ati Hinge niyubakire inzu nini n’ivyumba vyagutse, akayicamw’ amadirisha; akayishiramw’ insenge z’amasederi, akazisīga irangi ritukura.


Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.


abo mu ba Paroshi n’ ibihumbi bibiri n’ijana na mirongwirindwi na babiri.


Nuko bakwegesha Yeremiya imigozi, bamukūra mur’ ico cobo; Yeremiya aguma mu rugo rw’ibohero.


Nawe, mutara wo kurābirak’ umukuku, umusozi w’umukobga w’i Siyoni, ya nganji izoza kuri wewe: imwe ya mbere izokugarukako, bga bgami bg’umukobga w’i Yerusalemu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite