Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 3:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Akurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, asana ikindi gihimba, ahereye ku muryango w’iyo nzu ya Eliyashibu akageza ah’ iyo nzu nyene igarukira.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 3:21
8 Referans Kwoze  

Abo mu baherezi ni bo aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,


Abo mu baherezi n’aba: abo mu ba Habaya, no mu ba Hakosi, no mu ba Baruzilayi, umwe yābiriye umugeni mu bakobga ba Baruzilayi w’Umunyagileyadi, agaca yitiranwa na sebukwe,


Hakosi avyara Anubu na Sobeba, kandi ni we yamutsweko n’imiryango ya ba Aharuheli mwene Harumu.


Maze ku musi ugira kane bagera ku munzane ayo mafeza n’ amazahabu n’ibindi bintu, babigerera mu ngoro y’Imana yacu, babishikiriza Meremoti mwene Uriya umuherezi, ari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi, kandi bari bafatanije na Yozabadi mwene Yosuwa na Nowadiya mwene Binuwi, b’Abalewi.


Akurikirwa na Baruki mwene Zabayi, asana ikindi gihimba afise umwete, ahereye kur’ iyo mfuruka nyene, arinda ashitsa ku muryango w’inzu ya Eliyashibu umuherezi mukuru.


Akurikirwa n’abaherezi bo mur’ iyo ntāra.


Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.


Bakurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, mu kuhasana; na we akurikirwa na Meshulamu mwene Berekiya, Berekiya wa Meshezabeli; na we akurikirwa na Sadoki mwene Bayana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite