Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 3:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Hakurikira Nehemiya mwene Azibuki, umukuru aganza igice c’intāra y’i Beti‐suri, agenda arasana ashitsa aharābana n’imva za Dawidi, no ku kidengeri cāgomewe, arinda ashitsa no ku nzu y’abahizi.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 3:16
18 Referans Kwoze  

Bagabo bene Data, s’ikingora kubabarira mvyeruye ivya sogokuruza mukuru Dawidi, yuko yapfuye, agahambga, n’imva yiwe iri ngaha ino muri twebge na bugingo n’ubu.


Akurikirwa na Shalumu mwene Haloheshi, umukuru aganza ikindi gice c’i Yerusalemu nyene, na we arasana, bo n’abakobga biwe.


Bakurikirwa na Refaya mwene Huri, umukuru aganza igice kimwe c’intāra y’i Yerusalemu;


Nukw ibindi vyose vyadonzwe kuri Hezekiya, n’ivy’ ubuhizi bgiwe bgose, n’ingene yimvye ikidengeri, agaca umugende wo kuzana amazi mu gisagara, mbega ntivyanditswe mu gitabo c’ivyo ku ngoma z’abami b’i Buyuda?


Amazi yo mu kidengeri ca kera muyacira urugomero hagati y’inzitiro zompi: ariko ntimwasubiza ijisho ku wari yarakoze ivyo, kandi ntimwashira umutima ku wabiremye kera cane.


Maz’ Uhoraho abarira Yesaya, ati Sohoka non’ ubu, uje gusanganira Ahazi, wewe na Sheyari‐yashubu umwana wawe, murahūrira ah’ umugende wo ku kidengeri co haruguru ugarukira, ku nzira yo ku kibuga c’umumesuzi;


Iryo rembo ricishwamw’ umwavu ryasanwe na Malakiya mwene Rekabu, umukuru aganza intāra y’i Beti‐hakeremu; araryubaka, aterakw inzugi zaryo n’ ivyuma vyo kuzigumya n’ibihindizo vyazo.


Hāri na Halihuli na Beti‐suri na Gedora,


Erega n’inderuzo ya Salomo: Har’ abahizi mirongwitandatu bayikikije, Bo mu bahizi b’Abisirayeli.


Bamuhamba mu mva yiwe yiyimbishirije mu gisagara ca Dawidi, bamurambika ku buriri bguzuye ibintu bitāmirana n’ ibintu bimoga vy’amoko yose, vyinjijwe n’abahinga bābimogoreye; bamwosereza imibavu myinshi cane.


na Beti‐suri na Sokoho na Adulamu,


Mwene Shamayi ni Mayoni; kandi Mayoni ni we se wa Beti‐suri.


Akurikirwa n’Abalewi, Rehumu mwene Bani, na we akurikirwa na Hashabiya, umukuru aganza igice c’ intāra y’i Keyila, asana akorera intāra yiwe.


nigomereye amazi ngw avomerwe ingemwe z’ibiti vyatewe;


Mubona ibirengero vy’ibizitiriye umurwa wa Dawidi kw ari vyinshi; mugomera amazi yo mu kidengeri co hepfo.


Maze nkomeza inzira nshika kw irembo rija kw iriba, nshika no ku kidengeri c’umwami, ariko ntihaboneka inzira ifarasi nagenderako icamwo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite