11 Malakiya mwene Harimu, na Hashubu mwene Pahati‐mowabu, basana ikindi gice, bo n’umunara wo ku matanure.
Uwundi muce w’abagenda bahimbaza ugenda kubasanganira, nanje nari mbakurikiye ndi kumwe n’ikindi gice c’abantu; nuko bagenda hejuru ku ruzitiro, haruguru y’umunara w’amatanure, bashika no ku ruzitiro rw’intimba nini.
Abo mu ba Pahati‐mowabu, bandurutse kuri Yosuwa na Yowabu, n’ibihumbi bibiri n’amajana munani n’ icumi na babiri.
Abakuru‐bakuru bo mu bantu n’aba: Paroshi na Pahati‐Mowabu na Elamu na Zatu na Bani,
na Harimu na Meremoti na Obadiya,
Abo mu ba Pahati‐mowabu, bandurutse kuri Yosuwa na Yowabu, n’ibihumbi bibiri n’amajana munani n’icumi n’umunani.
Mu ba Pahati‐mowabu ni Elihowenayi mwene Zerahiya, kand’ uwo yandikanywe n’abagabo amajana abiri.
Mu ba Harimu, ni Eliyezeri na Ishiya na Malikiya na Shemaya na Simeyoni,
akurikirwa na Yedaya mwene Harumafu, asana aherekeye inzu yiwe; na we akurikirwa na Hatushi mwene Hashabuneya.
Mugendagende kuri Siyoni, muwukikuze, Muharūre iminara yaho,
Ab’i Harimu n’ amajana atatu na mirongwibiri.