Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 3:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Bukeye Eliyashibu, umuherezi mukuru, hamwe na bagenzi biwe b’abaherezi, bashirako bubaka irembo ry’intama; bararihezagira, bashiraho n’inzugi zaryo; bakomeza kwubaka barinda bashitsa ku munara wa Hameya, na wo barawuhezagira; bavudukaho bashitsa no ku munara wa Hananeli.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 3:1
19 Referans Kwoze  

Maze baca haruguru y’irembo ry’Abefurayimu no kw irembo rya kera, no kw irembo ryitwa iry’ Amafi, no ku munara wa Hananeli, no ku wa Hameya, bashika kw irembo ry’intama; nuko bahagarara kw irembo ry’abateramyi.


Eh’ imisi izoza, ni k’Uhoraho agize, ca gisagara kizokwubakirwa Uhoraho, uhereye ku munara wa Hananeli, ugashitsa no kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro.


Kand’ i Yerusalemu hafi y’irembo ry’intama, hār’ ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, carikw amabaraza atanu.


Igihugu cose kizohinduka ikiyaya, uhereye i Geba ugashitsa i Rimoni ahahera i bumanuko bg’ i Yerusalemu: kandi Yerusalemu hazoshirwa hejuru habe aho hāhoze, uhereye kw irembo ry’igisagara ryitwa irya Benyamini, ugashitsa ah’ irembo rya mbere ryāhoze, ugashitsa no kw irembo ryo ku nkokora, kand’ uhereye ku munara w’amabuye wa Hananeli ugashitsa ku māto yimbge hasi baganiramwo vino z’i bgami.


Wubahishe Uhoraho ibintu vyawe, Bo n’umushuzo w’ivyeze vyawe vyose.


Kand’ umwe wo mu bahungu ba Yoyada mwene Eliyashibu, umuherezi mukuru, yar’ umukwe wa Sanibalati w’Umuhoroni; nca ndamwirukana amva i ruhande.


Kandi hagati y’ahadūga haja ku mfuruka n’irembo ry’intama hasanwa n’abacuzi b’izahabu hamwe n’abadandaza.


Umumenye mu ngendo zawe zose, Na we azogorora inzira zawe.


Uhoraho ndaguhimbaza kuko wankūye hasi, Ntukunde kw abansi banje banyitamba hejuru.


Nukw abaherezi n’Abalewi bariyeza, maze beza abantu n’amarembo n’uruzitiro.


Barangije kwubaka uruzitiro nca nterakw inzugi hose, ntora abashibamyi ndabashiraho, nongera nshirah’ abaririmvyi n’ Abalewi.


Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.


Akurikirwa na Baruki mwene Zabayi, asana ikindi gihimba afise umwete, ahereye kur’ iyo mfuruka nyene, arinda ashitsa ku muryango w’inzu ya Eliyashibu umuherezi mukuru.


Maz’ abakuru baze babaze abantu, bati Ni nde ari hano yubatse inzu nsha, akaba atarayinjira? N’agende asubire i muhira, ntahave agwa mu ntambara, uwundi akaba ari we ayinjira.


Yosuwa yavyaye Yoyakimu, Yoyakimu avyara Eliyashibu, Eliyashibu avyara Yoyada,


Mugendagende kuri Siyoni, muwukikuze, Muharūre iminara yaho,


Nuk’ umenye, utahure, yuk’ uhereye igihe icagezwe kizoshingirwa co kuvyura no kwubaka Yerusalemu gushitsa kuri Mesiya Segaba, hazocah’ amayinga ndwi; maze habeh’ ayandi mayinga mirongwitandatu n’abiri, hasubire kwubakwa, basubizeh’ imiharuro n’ imigende; mbere bizoba bikorwa mu bihe bigoye.


Akurikirwa na Meremoti mwene Uriya, Uriya wa Hakosi, asana ikindi gihimba, ahereye ku muryango w’iyo nzu ya Eliyashibu akageza ah’ iyo nzu nyene igarukira.


Arikw ivyo bitarabaho, Eliyashibu umuherezi, ari we yajejwe ivyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu, kandi yar’ incuti ya Tobiya,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite