Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:8
18 Referans Kwoze  

uwo Ezira aradūga ava i Babuloni; kandi yar’ umunyabgenge w’ivyanditswe kandi w’umuhanga mu vy’ivyagezwe vya Mose vyatanzwe n’ Uhoraho Imana y’Abisirayeli. Umwami amuha ivyo yamusavye vyose, abiheshwa n’ikiganza c’ Uhoraho Imana yiwe cari kuri we.


Muzobibona, kand’ imitima yanyu izonezerwa, n’amagufa yanyu azototahara nk’ubgatsi bubisi, kand’ ukuboko kw’ Uhoraho kuzomenyekana mu basavyi biwe, kand’ azorakira abansi biwe.


Ndaheza nzeza igisagara c’i Yerusalemu mwene wacu Hanani, bo na Hananiya umukuru w’iboma y’abashibamyi, kukw ar’ umuntu yizigirwa, yubaha Imana kurusha benshi;


Nukw Imana ituma Daniyeli akundwa n’umukuru w’inkone, amutera imbabazi.


Arikw abakuru b’Abayuda, inyonga z’Imana yabo ziguma kuri bo, ntibābabuza kwubaka gushitsa batumye kuri Dariyo, icete c’inyishu kikagaruka.


Aramubarira, ati Ntucitwa Yakobo ukundi, ariko wiswe Isirayeli; kuko waniganye n’Imana n’abantu, ukanesha.


Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira.


None nabonye gutabarwa kwavuye ku Mana, ndacahagaze kugeza n’ubu, nshingira intahe aboroshe n’abahambaye, nta kindi mvuga atar’ ivy’ abāvugishwa n’Imana na Mose bāvuze ko bizoba,


imukiza mu marushwa yiwe yose, imuha ubutoni n’ubgenge kuri Farawo, umwami wo muri Egiputa, amugira icēgēra ciwe ngw aganze muri Egiputa, amuzēza n’urugo rwiwe rwose.


Umutima w’umwami uri mu kuboko kw’Uhoraho nk’umugende w’amazi; Awukwegera ah’ agomba hose.


Yari yahagurutse ava i Babuloni ku musi wa mbere w’ukwezi kwa mbere, maz’ ashika i Yerusalemu ku musi wa mbere w’ukwezi kwa gatanu, abihawe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri we;


bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’ Uhoraho yabanejereje, kand’ agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw abunganire mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.


nironkeye indimiro n’amatongo, nteramw’ ibiti vyama vy’imyuga myinshi:


nigomereye amazi ngw avomerwe ingemwe z’ibiti vyatewe;


Kandi nshinze ibgirizwa ry’ ivyo mukwiye gukorera abakuru b’Abayuda mu vyo kwubakisha iyo nzu y’Imana: mugire umwete cane wo guha abo bantu ivyo bazotanga, kugira ngo hoye kuzogira ikibabuza gukora, muvyabiriye ku bintu vyanje, mbere kw ikori ry’ abo hakurya y’uruzi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite