Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Nuk’ umwami arambaza, ati Non’ ugomba iki? Nca nsenga Imana Nyen’ ijuru.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:4
15 Referans Kwoze  

Umumenye mu ngendo zawe zose, Na we azogorora inzira zawe.


Nuko mmaze kwumva izo nkuru nca nicara ngaho ndarira, mmara imisi mbabaye nisonzesha, nsengera imbere y’Imana Nyen’ ijuru.


Ntimugire ico mwiganyira, ariko muri vyose ivyo mugomba bimenyeshwe Imana, mu gusenga no mu kwinginga bifatanije no gukenguruka.


Bgirukiro, ndakwinginze, tega ugutwi wumve ugusenga kwanje, jewe umusavyi wawe, wumve n’ugusenga kw’ abasavyi bawe bakunda kwubaha izina ryawe, untabare jewe umusavyi wawe, umpe kugira amahirwe uyu musi, no guhangazwa n’uwo muntu nsavye. Kuko nari nsanzwe nd’ umukevyi mpereza umwami igiturire.


Yesu arayibaza, at’ Ugomba ko ngukorera iki? Ino mpumyi iramwishura, iti Ndagomba guhumūka, Mwigisha.


Kandi Salomo akir’ i Gibeyoni, Uhoraho amwiyerekera mu nzozi mw ijoro. Nukw Imana iramubarira, iti Nsaba ico ugomba, ndakiguhe.


Maze kur’ uwo musi ugira kabiri wo kunywa igiturire ca vino, umwami yongera kubaza Esiteri, at’ Ico usaba n’iki ga mwamikazi Esiteri, ukagihabga? Urondera iki? N’iyo coba igisate c’igihugu canje uragihabga.


Bakiri ku giturire ca vino, umwami abaza Esiteri, at’ Ico usaba n’iki, ukagihabga? Urondera iki? N’iyo coba igisate c’igihugu canje uragihabga.


Nuk’ umwami aramubaza, at’ Uragomba iki ga mwamikazi Esiteri? Urasaba iki? Ndakiguha, n’iyo coba igisate c’igihugu canje.


Maz’ umuntu abarira Dawidi, ati Ahitofeli ari mu bagarariji bafatanije na Abusalomu. Maze Dawidi arasenga, at’ Uhoraho, ndakwinginze, hindura ubusa inama za Ahitofeli.


Maze nishura umwami, nti Ni wabishima ga mugenzi, nkagira ubutoni imbere yawe, ico ngusaba n’ukugira ng’ undungike i Buyuda, mu gisagara kirimw’ imva za ba sogokuruza, nsubire ndacubake.


Nanje ndabishura, nt’ Imana yo mw ijuru ni yo izotuma bikunda, ni co gituma twebge abasavyi bayo dushirako tukubaka; ariko mweho nta mugabane, nta bubasha, nta n’icibutso mufise i Yerusalemu.


Ndavuga, nti Ndakwinginze, ewe Uhoraho, Mana Nyen’ ijuru, Mana nkuru uteye ubgoba, ukagumya isezerano n’ imbabazi ugirira abagukunda bakitondera ivyagezwe vyawe.


Ni mushime Imana yo mw ijuru, Kukw imbabazi zayo zamah’ ibihe bidashira.


Uwo mukuru amufata ukuboko, aramwikebanya aramubaza biherereye, at’ Ic’ ufise kumbarira n’iki?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite