Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 ndamwishura, nti Mwami nyaguhora ku ngoma, mbega nobura kwiraburanirwa, igisagara ca ba sogokuruza, aho bāhambge, carabaye amatongo kand’ amarembo yaco yarahiye?

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:3
21 Referans Kwoze  

Barambgira, bat’ Abāri barasigaye mur’ ico gihugu batājanywe ar’ inyagano bari n’amarushwa menshi n’ibitētērwa, kand’ inzitiro z’ amabuye z’i Yerusalemu zarasenyutse, n’amarembo yaho yarahiye.


Maz’ Abakaludaya bishura umwami mu rurimi rw’igisiriya, bati Mugenzi nyaguhoraho, uturotorere izo nzozi, twebge abasavyi bawe, duheze tukumenyeshe uko zisobanurwa.


Maze Batisheba akubita inkoro hasi, yunamira umwami Dawidi, aravuga, at’ Uragahora ku ngoma, mwami wanje nyen’ ingoma.


Maz’ umugabekazi, yumvise amajambo y’umwami n’abaganwa biwe, yinjira mu nzu y’amazimano, aravuga, ati Mugenzi nyaguhoraho, nta co uhagarika umutima, ngo mu nyonga hawe hahindurire:


N’ururimi rwanje rumatane no mu māgāge Ni ntakwibuka, Ni ntakunda Yerusalemu Ngo ndaharutishe ibinnezereza vy’agahebuza.


Maze Daniyeli yishura umwami, ati Mugenzi nyaguhoraho,


Nukw abo bakuru n’ abaganwa bakondorera ku mwami Dariyo, baramubgira, bati Mwami nyaguhoraho;


Amarembo yaho anyikiye mu kuzimu; ibihindizo vyaho yaravyononye, arabivunagura: Umwami waho n’abaganwa baho bari mu mahanga; nta vyagezwe bikiriho: Mber’ abavugishwa n’Uhoraho ntibakigira ivyo beretswe na we.


Maze Hezekiya ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ahadūga haja mu mva z’abuzukuruza ba Dawidi; aho yatanga, Abayuda bose n’ab’i Yerusalemu baza kumuha icubahiro. Maz’ umuhungu wiwe Manase asubira ku ngoma yiwe.


Nuko Ahazi ahamvya ba sekuruza, bamuhamba ku murwa w’i Yerusalemu, kuko batāmuhamvye mu mva z’abami b’i Buyuda; maz’ umuhungu wiwe Hezekiya asubira ku ngoma yiwe.


Aho yatangura kwima, yar’ amaze imyaka mirongwitatu n’ ibiri, araheza amara imyaka munani i Yerusalemu ari ku ngoma; atāmbūra ata wukimugomba. Bamuhamba ku murwa wa Dawidi, ariko si mu mva z’abandi bami.


Babgira umwami Nebukadineza, bati Mugenzi nyaguhoraho:


Kukw abasavyi bawe bahimbarwa n’amabuye yaho, Umukungugu waho ubateye akagongwe.


Nzohindura ibisagara vyanyu imisaka, ahēra hanyu ntume hatamārirwa, kandi sinzomoterwa n’ugutamirana kw’ibimoga vyanyu munyosereza.


Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira indwi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza, umwami w’i Babuloni, ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, umuntu w’umwami w’i Babuloni, ashika i Yerusalemu.


Maze baturira n’ ingoro y’Imana, basangangura n’ uruzitiro rw’amabuye rw’i Yerusalemu, baturira n’ingoro zaho zose, bīca n’ivyiza‐vyiza vyaho vyose.


Nukw iryo joro nca mw irembo rija ku mwonga, nkomeza inzira y’isōko y’ikiyoka, nshika no kw irembo bācishamw’ umwavu, ngenda nitegereza inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu ukuntu zāsenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye.


Maze mu kwezi kwa gatanu, ku musi wakwo ugira icumi, mur’ uwo mwaka ugira icumi n’icenda umwami Nebukadineza umwami w’i Babuloni ari ku ngoma, Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi, yahora ahagarara imbere y’umwami w’i Babuloni, yinjira i Yerusalemu.


Mbega noshobora nte kwihanganira kurāba ivyago bizoba ku bgoko bgacu? Canke noshobora nte kwihanganira kurorēra umuryango wacu urik’ uragesezwa?


Kukw ikiyunguyungu canje cuzuye umururumbo, Kandi nta hazima mu mubiri wanje.


Bizotuma amahanga yubaha izina ryawe, Uhoraho, N’abami bose bo mw isi bakubaha icubahiro cawe:


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite