Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:19
22 Referans Kwoze  

canditswemwo ngo Mu mahanga humvikana impuha, kandi na Geshemu aravyemeza, yuko wewe n’Abayuda muri n’imigabo yo kugarariza, kandi kw ari yo nyanduruko yatumye mwubaka uruzitiro, kandi nawe ng’ ugomba kwiyimika.


Baramutwenga bamushinyagurira. Arabakumīra bose, ajana se w’umwana na nyina n’abāri kumwe na we, yīgira haruguru ah’ ikiziga kiri,


Abandi bāgeragereshwa gushinyagurirwa no gukubitwa ibimoko, mbere bāshirwa mu ngoyi no mu mabohero:


Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


Uhereye aho Pilato arondera uburyo bg’uko yomurekura, arikw Abayuda barasemerera, bati Ni warekura uyo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuk’ uwīgira umwami wese aba agararije Kayisari.


Batangura kumwagiriza, bat’ Uyu twamubonye agomesha ubgoko bgacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.


Kukw iyo mvuze, mvugira hejuru; mvugira hejuru, nti Har’ umuryano n’ubunyazi! Mber’ ijambo ry’Uhoraho ryampinduye agatukisha n’agatwengo kurenza umusi.


Utumye ababanyi bacu baducuranwa; Abansi bacu batunegura bitwengera.


Duhindutse ruvumwa ku babanyi bacu, Agatwengo n’agacokoro ku badukikije.


Ariko none, abo nduta ubukuru ni bo bampinduye agatwengo, Abo nakēngērera ba se, ntonabēgereje n’imbga ziteramira umukuku w’intama zanje.


Kuko bose bāgomba kudutera ubgoba, bati Bazohava bacika intege, igikorwa gihere aho. Ariko none Mana, undemeshe.


Bukeye Sanibalati yumvise ko twubaka urwo ruzitiro rw’ amabuye, araraka arashangashirwa; aca aratunegura twebge Abayuda,


Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.


arababgira, ati Ni muhave, kuk’ umukobga atāhwereye, arikw arasinziriye. Baramutwenga bamushinyagurira.


Kand’ umwe wo mu bahungu ba Yoyada mwene Eliyashibu, umuherezi mukuru, yar’ umukwe wa Sanibalati w’Umuhoroni; nca ndamwirukana amva i ruhande.


Imitima yacu iduhiwe cane N’agacokoro k’abidibamiye, N’agakēngērwe k’abībone.


Maze Ishimayeli ajana kw inyagano amasigarira yose y’abantu bār’ i Mizipa, ni bo bakobga b’umwami n’abantu bose bāri bagisigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yaragije Gedaliya mwene Ahikamu. Nuko Ishimayeli mwene Netaniya abajana kw inyagano, avayo ngw aje mu Bamoni.


Mana, Nyen’ ingabo, utwigarurire, Umurikishe mu nyonga hawe, natwe turakira.


Ngw Inama yawe n’ inkomezi zo kurwana, erega n’ amajambo y’impfagusa. Ngo Mbeg’ uwo wishimiye ni nde, yatumye umugarariza?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite