Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:18 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

18 Ndaheza mbiganira ingen’ ikiganza ciza c’Imana yanje cabaye kuri jewe, mbiganira n’amajambo umwami yambgiye; na bo baravuga, bati Ni tuve hasi twubake. Nuko bariyungunganya, bashirako bakora ico gikorwa ciza.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:18
10 Referans Kwoze  

Kukw Imana ari yo ikorera mu mitima yanyu, ikabaha gukunda no gukora ibiyihimbara.


Nuko Hezekiya agumya umutima, asanura uruzitiro aho rwari rwarasenyutse hose, arwubakakw iminara, yubaka n’urundi ruzitiro inyuma yarwo, akomeza n’i Milo mu gisagara ca Dawidi; arondeza ibirwanishwa n’inkinzo vyinshi cane.


Nuko shira ubgoba, turwane kigabo, turwanire ubgoko bgacu n’ibisagara vy’Imana yacu; na we Uhoraho arakora ico ashima.


Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.


bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’ Uhoraho yabanejereje, kand’ agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw abunganire mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.


None rero, mwigumye, mube abagabo: kuko Sauli shobuja yāpfuye, kand’ ab’ umuryango w’Abayuda banyimikishije amavuta ngo mbe umwami wabo.


Aba ni bo bāsumba abandi mu bahizi ba Dawidi, bakerekana ubuhizi bgabo kuri we, bagashigikira ingoma yiwe, bagafatanya n’Abisirayeli bose kumwimika, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho riri, iryo yavuze ku Bisirayeli.


Bukeye Yonatani mwene Sauli arahaguruka, aja iyo Dawidi ari i Horeshi, amuremēsha mu vy’ Imana.


bo n’ icete nshira Asafu, umurinzi arinda icibare cawe, kugira ngw ampe ibiti vyo kubāza ibikingi vy’amarembo y’igihome c’abashibamyi co ku ngoro, bo n’ivy’ uruzitiro rw’igisagara n’ivy’ inzu nzobamwo. Nuk’ umwami arabinyemerera, abitewe n’ikiganza ciza c’Imana cari kuri jewe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite