Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nukw iryo joro nca mw irembo rija ku mwonga, nkomeza inzira y’isōko y’ikiyoka, nshika no kw irembo bācishamw’ umwavu, ngenda nitegereza inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu ukuntu zāsenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:13
9 Referans Kwoze  

Barambgira, bat’ Abāri barasigaye mur’ ico gihugu batājanywe ar’ inyagano bari n’amarushwa menshi n’ibitētērwa, kand’ inzitiro z’ amabuye z’i Yerusalemu zarasenyutse, n’amarembo yaho yarahiye.


Maze ndababarira, nti Mbega ntimubona ayo twabonye, ingen’ i Yerusalemu hahindutse imisaka, n’amarembo yaho akaba yarahīye! Enda ni muze dusubire twubake uruzitiro rwaho, kugira ngo twoye kwama tur’ agatwengo.


ndamwishura, nti Mwami nyaguhora ku ngoma, mbega nobura kwiraburanirwa, igisagara ca ba sogokuruza, aho bāhambge, carabaye amatongo kand’ amarembo yaco yarahiye?


Kandi Uziya yubaka iminara i Yerusalemu kw irembo ryo ku mfuruka y’uruzitiro rwaho rw’ amabuye, no kw irembo rija ku mwonga, no ku yindi mfuruka y’ uruzitiro nyene; iyo minara arayigumya.


Maze nuriza abakuru b’Abayuda ngo baje hejuru ku ruzitiro, ndabagabanyamw’ imice ibiri minini ngo bagende barōngōye bahimbaza. Umuce umwe ugenda ku ruzitiro werekeye i buryo, kw irembo bacishamw’ umwavu.


Nukw iryo joro nyene nsubira kudūgana akagezi, nkomeza kugenda nitegereza inzitiro, ndaheza ndakevya nsubira guca muri rya rembo rija ku mwonga; nuko ndataha.


Ni mwūrire ku nzitiro zaho, muhonnye; yamara ntimuherengeteze rwose: mukūreh’ amashami yaho, kukw atar’ ay’ Uhoraho.


Ndaheza mpenga mw ijoro mvyukana n’ abantu bake, kandi sinagize umuntu n’umwe mbgira ivyo Imana yashize mu mutima wanje ngo ndabikorere Yerusalemu; kandi nta mafarasi twajanye atar’ iyo nagenderako.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite