Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ndaheza mpenga mw ijoro mvyukana n’ abantu bake, kandi sinagize umuntu n’umwe mbgira ivyo Imana yashize mu mutima wanje ngo ndabikorere Yerusalemu; kandi nta mafarasi twajanye atar’ iyo nagenderako.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:12
20 Referans Kwoze  

Kukw Imana yashize mu mitima yabo gukora ivyo yagabiye, no guhūza inama, no gushira ca gikōko ku ngoma yabo, kugeza ah’ amajambo y’Imana azoshikira.


Uhoraho Imana ya ba sogokuruza aragahezagirwa, yashize mu mutima w’umwami imigabo imeze irtyo, yo gushariza ingoro y’Uhoraho ir’ i Yerusalemu.


Arikw Imana ishimwe, ishize mu mutima wa Tito kubagirira umwete nk’uwo mbagirira.


Arikw iri ni ryo sezerano nzosezerana n’umuryango w’Abisirayeli hanyuma y’ iyo misi, ni jewe Uhoraho mbivuze; nzoshira ivyagezwe vyanje imbere muri bo, no mu mitima yabo ni ho nzovyandika; nanje nzobabera Imana, na bo bazoba abantu banje.


Kandi nzosezerana na bo isezerano ritazoshira, yuko ntazorora irya ngo mbahebe, ndeke kubagirira neza; kandi mu mitima yabo nzohashira kunyubaha, na bo boye kumvako.


Ni co gituma umunyamakenga apfa kwinumira mu gihe nk’ico, kukw ar’ igihe kibi.


igihe co gutabura n’igihe co kubarīra; igihe co gucereza n’ igihe co kuvuga;


Ni musabire Yerusalemu amahoro; Abagukunda batōtahare.


Ugirire neza i Siyoni, nk’uko haguhimbara; Wubake inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu.


Muti None rero, enda n’uhenge mw ijoro, mwe n’abantu muri kumwe, muze muryame mu mirima;


Nuko Gideyoni ajana abantu cumi bo mu bantu biwe, abigenza nk’uk’ Uhoraho yamubariye; ariko yabikoze mw ijoro, ntiyatinyutse kubikora ku murango kubgo gutinya abo mu muryango wabo, n’ababa mur’ ico gisagara.


Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.


Ahenga mw ijoro aravyuka, ajana umwana na nyina, aja muri Egiputa,


Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore wawe mupfumbatirana.


Nuko Yosuwa abahungira ata co bīnona, kuko yarāye araza ijoro ryose, avuye i Gilugali.


Nuko nshitse i Yerusalemu mmaray’ imisi itatu.


Nukw iryo joro nca mw irembo rija ku mwonga, nkomeza inzira y’isōko y’ikiyoka, nshika no kw irembo bācishamw’ umwavu, ngenda nitegereza inzitiro z’amabuye z’i Yerusalemu ukuntu zāsenyutse, n’amarembo yaho ingene yahiye.


Uwitonda ahisha ivyo azi, Arik’ umutima w’ibipfu uswaganya ubupfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite