Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 2:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 2:10
26 Referans Kwoze  

Bukeye Sanibalati na Tobiya n’Abarabo n’Abamoni n’Abanyashidodi bumvise yukw igikorwa co gusana uruzitiro rw’i Yerusalemu kija imbere, kandi yukw ibihengeri bitanguye kuzibirwa, bararaka cane,


Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


Uburake ni ruburakigongwe, ishavu ritwara nk’umuvo, Ariko ni nde yoshobora kwihanga ishari?


Arikw ivyo bitarabaho, Eliyashibu umuherezi, ari we yajejwe ivyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu, kandi yar’ incuti ya Tobiya,


Bukeye babgira Sanibalati na Tobiya na Geshemu Umwarabo n’abandi bansi bacu, yuko nujuje uruzitiro kandi kw ata kirengero kigisigaye, naho ntaribgatere inzugi ku marembo.


Bumvise ayo majambo umukuru w’abashibamyi b’urusengero n’abaherezi bakuru bazazanirwa n’ivyabo, ikizovamwo.


bababajwe cane n’uko bigisha abantu, bababarira yuk’ ukuzuka kw’abapfuye kwabonetse kuri Yesu.


Gutaka kw’i Heshiboni kwumvikana gushitsa n’i Eleyale; mber’ amajwi yabo ashika n’i Yahazi, kand’ ahēra i Sowari agashitsa n’i Horonayimu bo n’i Egilati‐shelishiya: kuko n’amazi y’i Nimurimu azocika iyondoyondo.


Kuko bazodūga ku kadūgo k’i Luhiti barira ingenda badahengeshanya; ku kamanuko k’i Horonayimu bumvise umunihiro w’umuborogo w’ abagesezwa.


Umutima wanje uririra Mowabu; impunzi zaho zahungiye i Sowari n’i Egilati‐shelishiya; ahadūga haja i Luhiti ni ho badūga barira ingenda; no mu nzira ija i Horonayimu ni ho batakira ugutaka kw’ubgihebe.


Nabonye abashumba bagendera ku mafarasi, abaganwa na bo bagendesha amaguru hasi nk’abashumba.


Ni vyo ibi: umushumba iy’ abaye umwami, N’igipfu iyo gihimvye ivyo kurya,


Umunyakibi azobirāba, ababare; Azoryanya insya z’amenyo, ahwere mu kajisho: Ico umunyakibi yifuza kizobura.


Kur’ uwo musi abantu basomerwa igitabo ca Mose, basanga nta Mwamoni cank’ Umunyamowabu yemererwa gushika mw ikoraniro ry’Imana gushitsa ibihe vyose,


Maz’ abansi bacu bose bavyumvise, bo n’abanyamahanga bose bo ku mpande zacu zose, bagira ubgoba, baratētērwa, kuko bamenye kw ar’ Imana yacu yadushoboje kurangiza igikorwa kingana girtyo.


Kand’ umwe wo mu bahungu ba Yoyada mwene Eliyashibu, umuherezi mukuru, yar’ umukwe wa Sanibalati w’Umuhoroni; nca ndamwirukana amva i ruhande.


Kuk’ uwo Muyuda Moridekayi, uwar’ amurengeye yar’ umwami Ahasuwerusi gusa, kandi yar’ agahambaye mu Bayuda, yashimwa n’ab’i wabo uko bangana; kandi yama yendeza ubgoko bgabo ivyiza, akavuga ibihesha uruvyaro rwabo amahoro.


Maze Ishimayeli ajana kw inyagano amasigarira yose y’abantu bār’ i Mizipa, ni bo bakobga b’umwami n’abantu bose bāri bagisigaye i Mizipa, abo Nebuzaradani umukuru w’abashibamyi yari yaragije Gedaliya mwene Ahikamu. Nuko Ishimayeli mwene Netaniya abajana kw inyagano, avayo ngw aje mu Bamoni.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite