8 Birambabaza cane, ni co catumye nshibagurira hanze ibintu vyose vya Tobiya vyari mur’ ico cumba,
Kukw ishaka ry’inzu yawe rindya; Ibitutsi vy’abagutuka vyaguye kuri jewe.
Nuko Ezira agisenga yātura, kand’ arira, yikubise hasi imbere y’ingoro y’Imana, ikoraniro rinini cane ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore n’abana, bakoranira ah’ ari; kand’ abantu bararira cane.
ngera ko bahumanura ico cumba; bamaze kugihumanura nsubizamw’ ibintu vy’imbombovu vy’ingoro y’Imana, hamwe n’amashikanwa y’amafu bo n’imibavu.
Numvise ayo majambo n’amaganya yabo nca ndaraka rwose.