Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 13:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ariko mur’ ico gihe cose sinar’ i Yerusalemu, kuko nari nagiye i bgami mu mwaka ugira mirongwitatu na kabiri Aritazeruzi umwami w’i Babuloni ari ku ngoma. Mpamaze imisi, nsaba umwami ngw andekure ngende.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 13:6
7 Referans Kwoze  

Kand’ uhereye umusi umwami Aritazeruzi yangize icēgēra ciwe mu gihugu c’i Buyuda, kuva ku mwaka ugira mirongwibiri kugeza ku mwaka ugira mirongwitatu n’ibiri ari ku ngoma, ukw ar’ imyaka cumi n’ibiri, ari jewe ari bene wacu, nta ho twigeze dutungwa n’amarari yagerewe icēgēra c’umwami.


Abantu basinziriye, haza umwansi wiwe abiba urwamfu mu buro hagati, arīgīra.


Nuko mu mwaka ugira mirongwibiri umwami Aritazeruzi ari ku ngoma, mu kwezi kwa Nisani, umusi ur’ izina vino yar’ iteretse imbere y’umwami, maze ndayābira, ndayimuhēreza. Kandi sinaribgagire umubabaro nd’ imbere yiwe.


bagira imisi mikuru ndwi y’imitsima itambiwe banezerewe, kuk’ Uhoraho yabanejereje, kand’ agahindurira umutima w’umwami w’i Ashuri kuri bo, ngw abunganire mu gukora igikorwa c’ingoro y’Imana, ari yo Mana y’Abisirayeli.


Abantu babonye Mose atevye kur’ uwo musozi, atamanutse, bakoranira kuri Aroni, baramubarira, bat’ Enda, n’uturonkere imana zo kutuja imbere; kuk’ umwe Mose yadukūye mu gihugu ca Egiputa, tutazi ico yabaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite