Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 13:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nshirah’ abazezwabintu vyo mu bubīko, ni bo b’aba: Shelemiya umuherezi, na Sadoki umunyabgenge w’ivyanditswe, na Pedaya wo mu Balewi; hakurikirako Hanani mwene Zakuri, Zakuri wa Mataniya, kukw abo bari bazwi kw ar’ abizigirwa; kand’ igikorwa cabo kwar’ ukugaburira bagenzi babo.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 13:13
20 Referans Kwoze  

Ndaheza nzeza igisagara c’i Yerusalemu mwene wacu Hanani, bo na Hananiya umukuru w’iboma y’abashibamyi, kukw ar’ umuntu yizigirwa, yubaha Imana kurusha benshi;


Mugabo, ayo mahera bahawe, ntimuzorinda kuyabasuzumira, kukw ar’ abizigirwa.


Kand’ ababgiriza babagomba ko baboneka ar’ abizigirwa.


Nuko, bene Data, ni murābe muri mwebge abantu ndwi bashimwa, buzuye Mpwemu Yera n’ubgenge, tubashire kur’ iki gikorwa.


Kandi mur’ iyo misi, abigishwa bāriko baragwira, Abayuda bavuye i Bugiriki bidodombera Abaheburayo b’inyamo, kukw abapfakazi babo bīrengagizwa ku ngaburo y’imisi yose.


Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,


Kand’ abo bantu bāhabga ayo mahera yo guhemba abakozi, ntibārinda kuyasuzumirwa, kuko bākora ar’ abizigirwa.


Kand’ abo babanze kugezwa, maze ni batābonekak’ umugayo babone gukora igikorwa c’ibango ryabo.


Ndashimira Kristo Yesu Umwami wacu yabinshoboje, kuko yanyiyumviriye ko nd’uwo kwizigirwa, akampa ubusuku:


bakabishira imbere y’ibirenge vy’intumwa; maze bakabigabanganya abantu, umuntu wese ukw akennye.


Umwami Yesu na we aramubaza, ati Ni nde mubgiriza wo kwizigirwa w’ubgenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngw abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?


n’abahungu b’abaherezi bamwe bafise inzumbete: Zekariya mwene Yonatani, Yonatani wa Shemaya, Shemaya wa Mataniya, Mataniya wa Mikaya, Mikaya wa Zakuri, Zakuri wa Asafu;


Kand’ umukoresha w’Abalewi i Yerusalemu, ari we yajejwe ibikorwa vyo mu ngoro y’Imana, ni Uzi mwene Bani, Bani wa Hashabiya, Hashabiya wa Mataniya, Mataniya wa Mika wo mu bākomotse kuri Asafu, ari bo baririmvyi.


na Zakuri na Sherebiya na Shebaniya,


Ezira, uwo munyabgenge w’ivyanditswe, yar’ ahagaze ku mutara w’ibiti, bubakiye ico gikorwa nyene, yar’ ahagararanye na Matitiya na Shema na Anaya na Uriya na Hilukiya na Mayaseya; abo ni bo bār’ i buryo bgiwe; i bumoso bgiwe hāri Pedaya na Mishayeli na Malikiya na Hashumu na Hashibadana na Zekariya na Meshulamu.


Akurikirwa na Hananiya mwene Shelemiya, na Hanuni umuhungu agira gatandatu wo muri bene Salafu, basana ikindi gihimba; hakurikira Meshulamu mwene Berekiya, asana ahahereranye n’icumba ciwe.


Kand’ umuherezi wo mu ba Aroni azohora ajana n’Abalewi bagiye kwākīra ibigiracumi vyabo; Abalewi na bo bazokūramw’ ikigiracumi co mur’ ivyo bigiracumi nyene, babizane mu ngoro y’ Imana yacu, babishingure mu vyumba vy’ububīko.


Arikw amahera y’ibimazi vy’impongano n’ay’ ibimazi bitangirwa ivyaha, yo ntiyashirwa mu ngoro y’Uhoraho, yaba ay’ abaherezi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite