Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 13:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Maz’ Abayuda bose baca bazana ibigiracumi vy’impeke n’ivya vino n’ivy’ amavuta ya elayo, babishingura mu bubīko.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 13:12
9 Referans Kwoze  

Muzane mu bubīko ikigiracumi gishitse, kugira ngw inzu yanje ibemw’ ivyo kurya; enda ni mubingeragereshe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, murābe ko ntazobagomororera ingomero zo mw ijuru, nkabacuncuburira umugisha, mukabura aho muwukwiza.


Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,


Ntimuze mubure gutanga ikigiracumi co mu vyo mwejeje ku mbuto mwateye, ukw imirima yanyu izokwera uk’ umwaka utashe.


Mu vyeze mu gihugu, vyaba ivyo mu ndimiro, cank’ ivyamye ku biti, ikigiracumi c’ivyo vyose n’icanje, jewe Uhoraho: n’icera canje.


Nukw ico cagezwe kimaze gutāngāzwa, Abisirayeli bazana vyinshi cane vy’ umushuzo w’ingano na vino n’ amavuta ya elayo n’ubūki n’ ivyeze vyose vyo mu mirima; kandi n’ikigiracumi ca vyose babizana ari vyinshi cane.


Mbeg’ umuntu yogunga Imana? Ariko mwebge mwarangunze. Yamara muravuga, muti Twakugunze ibiki? Mwangunze ikigiracumi n’amashikanwa.


Kand’ agera kw abantu bose baba i Yerusalemu batanga ivyashinzwe guhabga abaherezi n’Abalewi, kugira ngo babone kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite