Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 13:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Hanyuma nsanga yukw Abalewi batakironka imituri bāgerewe, ivyo vyatumye Abalewi n’ abaririmvyi, abākora ibikorwa vy’ ingoro y’Imana, babita, umuntu wese agasubira mw itongo ryiwe.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 13:10
11 Referans Kwoze  

Tuzohora tuzana ifu yacu y’umushuzo isewe iheretuwe, n’amashikanwa yacu azunguzwa, n’umushuzo w’ ivyama ku biti vy’ubgoko bgose, n’uwa vino n’amavuta, tubishikirize abaherezi, babishingure mu vyumba vyo ku ngoro y’Imana yacu; n’Abalewi tuzobashikiriza ikigiracumi c’ivyeze vyo mu mirima yacu, kukw Abalewi ari bo bākīra ibigiracumi mu bisagara vyacu vyose aho dufise imirima.


Mbeg’ umuntu yogunga Imana? Ariko mwebge mwarangunze. Yamara muravuga, muti Twakugunze ibiki? Mwangunze ikigiracumi n’amashikanwa.


Kandi mu gihe ca Zerubabeli na Nehemiya Abisirayeli bātanga imituri y’abaririmvyi n’iy’ abashibamyi, nk’uko vyashinzwe ku musi n’umusi; bakongera bagaha Abalewi ivyejejwe, Abalewi na bo bakabihakw abo kuri Aroni.


Igihe cose muzomara mukiriho mu gihugu canyu muze mwirinde ntimupfe uko mufashe Umulewi.


ati Barira Abisirayeli baze bahe Abalewi ibisagara vyo kubamwo, babisobanuye mu mashamvu yabo beguriwe; uti Mubahe n’amaragiro inyuma y’ivyo bisagara impande zose.


Abisirayeli n’Abalewi bazokwama bazana amashikanwa azunguzwa y’ impeke n’aya vino n’ay’ amavuta, bayashingure mu vyumba ah’ imbombovu z’Ahēra zibīkwa, ari ho nyene abaherezi n’abashibamyi n’abaririmvyi barāra. Nta ho tuzohemukira ingoro y’Imana yacu.


Kand’ agera kw abantu bose baba i Yerusalemu batanga ivyashinzwe guhabga abaherezi n’Abalewi, kugira ngo babone kwitwaririka ivyagezwe vy’Uhoraho.


Ntiwanzaniye imyagazi y’ibimazi vyawe vyo kwosa, kandi ntiwanyubahishije ibimazi vyawe. Sinakugoje kunshikanira amashikanwa, sinakuruhishije imibavu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite