Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 13:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Kur’ uwo musi abantu basomerwa igitabo ca Mose, basanga nta Mwamoni cank’ Umunyamowabu yemererwa gushika mw ikoraniro ry’Imana gushitsa ibihe vyose,

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 13:1
22 Referans Kwoze  

Bahagarara aho bari, bamara igice ca kane c’umurango basoma igitabo c’ivyagezwe vy’ Uhoraho Imana yabo, ikindi gice ca kane nyene bakimara bātura ivyaha vyabo, basenga Uhoraho Imana yabo.


Nuko mur’ ico gihe mbona Abayuda bābiriye abagore bo mu Banyashidodi no mu Bamoni no mu Banyamowabu,


Umwami araheza aradūga, aja ku ngoro y’Uhoraho, bo n’abashingantahe b’i Buyuda bose n’ababa i Yerusalemu bose bari kumwe na we, hamwe n’abaherezi n’abavugishwa n’Imana n’ abantu bose, aboroshe n’abahambaye; abasomera amajambo yose yo mur’ ico gitabo c’isezerano bātoye mu ngoro y’Uhoraho.


Kuk’ uhereye kera hose Mose afise mu bisagara vyose abigisha ivyiwe, bisomwa mu masinagogi ukw isabato itashe.


Isomwa ry’ivyagezwe n’ivy’ abāvugishwa n’Imana riheze, abakuru b’isinagogi batuma kuri bo, bati Bene Data, ni mwaba mufise ijambo ryo guhanūra abantu, ni murivuge.


Na we aramubaza, ati Vyanditswe bite mu vyagezwe, kand’ usoma iki?


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Kubg’ ibicumuro bitatu vy’Abamoni, mbere ni bine, sinzovyirengagiza; kuko bāfomoje inda abagore b’i Gileyadi, kugira ngo barye imbibe zabo, bāgukirwe.


Ku vya Mowabu. Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, ni we Mana y’Abisirayeli: at’ I Nebo habonye ibara! Kuko hakomvomvowe: i Kiriyatayimu haratēterewe, haratsinzwe: i Misigabu haratēterewe, harasanganguwe.


Ni murondere mu gitabo c’Uhoraho musome: nta na kimwe co mur’ ivyo kizobura, nta kigore kizobura ikigabo caco, kukw akanwa kiwe ari ko kabigeze, kand’ impwemu ziwe akaba ari zo zibikoranije.


Kandi na Tobiya w’Umwamoni yar’ ahagararanye na we, aravuga, ati Ni mubareke bubake! N’imbgebge yosimbira kur’ urwo ruzitiro rw’ amabuye rwoca rusenyuka!


Ariko Sanibalati Umuhoroni, na Tobiya Umwamoni w’umugurano, na Geshemu Umwarabo, bavyumvise baradushinyagurira, batubarirana agakengerwe, bat’ Ivyo mukora n’ibiki? Mbega s’ uko mugomba kugarariza umwami?


Buno Sanibalati Umuhoroni bo na Tobiya Umwamoni w’umugurano bavyumvise, bibamerera nabi cane yuko haje umuntu ababaye Abisirayeli.


Atuma intumwa kuri Balamu mwene Beyori, i Petori hafi y’uruzi Efurate, mu gihugu c’i wabo, ngo zimuhamagare, zimubgire, ziti Ngo Haje abantu bavuye muri Egiputa, bajimagije igihugu cose, ngo None bahanganye na we.


Nuko Ezira umuherezi azana ico gitabo c’ivyagezwe, agishira imbere y’ishengero ry’abagabo n’abagore n’abandi bose bafise ubgenge bgo kwumva. Hari ku musi wa mbere w’ukwezi kw’indwi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite