Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 12:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 na Salu na Amoki na Hilukiya na Yedaya wundi. Abo ni bo bār’ abakuru b’abaherezi na bagenzi babo mu gihe ca Yosuwa.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 12:7
8 Referans Kwoze  

Maz’ anyereka Yosuwa umuherezi mukuru ahagaze imbere y’umumarayika w’Uhoraho, na Satani ahagaze i buryo bgiwe ngw amurege.


Mu mwaka ugira kabiri umwami Dariyo ari ku ngoma, mu kwezi kwa gatandatu, ku musi wakwo wa mbere, ijambo ry’Uhoraho ryavugiye muri Hagayi uwavugishwa na we, ritumwe kuri Zerubabeli icēgēra c’uwo mwami i Buyuda, mwene Sheyalitiyeli, no kuri Yosuwa umuherezi mukuru, mwene Yehozadaki,


Aba ni bo baherezi n’Abalewi bādūganye na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na Yosuwa; ni Seraya na Yeremiya na Ezira,


Maze Yosuwa mwene Yehozadaki ahagararana na bagenzi biwe b’abaherezi na Zerubabeli mwene Sheyalitiyeli na bagenzi biwe, bubaka igicaniro c’ Imana y’Abisirayeli co kwoserezakw ibimazi, nk’uko vyanditswe mu vyagezwe vya Mose umuntu w’Imana.


ubga mirongwibiri na gatatu Delaya, ubga mirongwibiri na kane Mahaziya.


Maze bahamagaje umwami, haca haza umuzezwarugo wiwe Eliyakimu mwene Hilukiya, n’umukarani Shebuna, n’umwanditsi w’ivyaja biraba yitwa Yowa mwene Asafu, barenga irembo barabasanganira.


na Shemaya na Yoyaribu na Yedaya,


Kand’ Abalewi ni Yosuwa na Binuwi na Kadimiyeli na Sherebiya na Yuda na Mataniya; Mataniya uwo, bo na bagenzi biwe, ni bo baterera abandi indirimbo z’ ishimwe;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite