Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 12:44 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

44 Kur’ uyo musi batoranya abantu bo kuzezwa ivyumba vy’ ububīko vyo kubīkamw’ amashikanwa azunguzwa, n’ay’ umushuzo, n’ay’ ibigiracumi, kugira ngo bayashingure muri vyo, abe imituri y’abaherezi n’Abalewi, nk’ uko vyashinzwe mu vyagezwe, ukw imirima yo mu bisagara yangana, kukw Abayuda banezerejwe n’ukw abaherezi n’Abalewi bari kw ibango ryabo,

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 12:44
17 Referans Kwoze  

canke namba twarahawe igikorwa co mw ishengero, tugishishikare; cank’ uwigisha ashishikarire kwigisha;


arikw abīteze Uhoraho bazokwama biyubura mu nkomezi nsha; bazodūgisha amababa nk’ inkukuma, biruke ntibaruhe, bagende ntibadendebukirwe.


Hahirwa umuntu anyumviriza, Akāma arerekeye ku myugariro yanje uko bukeye, Agategera ku bishimaryango vyanje.


Igikorwa cabo kwar’ ugufasha aba Aroni mu vyo gukora mu ngoro y’Uhoraho, no mu nyubakwa no mu vyumba, no kwoza ibintu vyose vy’ivyera, n’ ikindi gikorwa ic’ ari co cose co mu ngoro y’Imana;


arikw abakumirizi bane b’Abalewi b’abakuru bama kur’ ico gikorwa ntibakūrwe, kandi bāri bajejwe utwumba n’ububīko vyo mu ngoro y’Imana.


Ushireho Aroni n’abana biwe, abe ari bo bazezwa igikorwa c’ubuherezi bgabo: kand’ uwundi wese atar’ uwo muri bo yovyēgēra akavyitamwo, aze yicwe.


Az’ agire umugabane ungana n’uw’ abandi ku vyo kurya, ukūye ivyo yaguze itongo yarazwe na se.


Abandi Balewi bagenzi babo, abājejwe ububīko bgo mu ngoro y’Imana, n’ububīko burimw’ ivyeguriwe Uhoraho, bār’ aba:


kandi tuzozana abahungu bacu b’imfura n’ uburiza bg’ivyo dutunze, ubg’ inka zacu n’ubg’ intama zacu, tubizane mu ngoro y’Imana yacu nk’uko vyanditswe mu vyagezwe, tubishikirize abaherezi bakora mu ngoro y’Imana yacu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite