Mu Balewi, abakuru b’amazu ya ba sekuruza banditswe mu gihe ca Eliyashibu na Yoyada na Yohanani na Yaduwa; abaherezi na bo banditswe ku ngoma ya Dariyo Umuperesi.
arababarira, ati Ni mwebge bakuru mu mazu ya ba sogokuruza b’Abalewi; nuko ni mwiyeze, mwe na bagenzi banyu, kugira ngo mubone kuja kudūgana isandugu y’Uhoraho Imana y’Abisirayeli, muyishire aho nayitunganirije;
Mu bākomōtse kuri Eleyazari amazu ya ba sekuruza yari menshi kuruta ayo mu ba Itamari, nuko babashira kubiri ben’ uku: mu ba Eleyazari abakuru bo mu mazu ya ba sekuruza baba icumi na batandatu, mu ba Itamari baba umunani.