Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nehemiya 11:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 na Shabetayi na Yozabadi, ni bo bākoresha ibikorwa vy’ingoro y’Imana vyo hanze, kandi bar’ abakuru bo mu Balewi.

Gade chapit la Kopi




Nehemiya 11:16
8 Referans Kwoze  

Yosuwa na Bani na Sherebiya, na Yamini na Akubu, na Shabetayi na Hodiya na Mayaseya, na Kelita na Azariya na Yozabadi, na Hanani na Pelaya n’ Abalewi, abo ni bo basobanurira abantu ivy’ ivyagezwe, abantu bakaguma aho bari;


Maze ku musi ugira kane bagera ku munzane ayo mafeza n’ amazahabu n’ibindi bintu, babigerera mu ngoro y’Imana yacu, babishikiriza Meremoti mwene Uriya umuherezi, ari kumwe na Eleyazari mwene Finehasi, kandi bari bafatanije na Yozabadi mwene Yosuwa na Nowadiya mwene Binuwi, b’Abalewi.


Mu ba Isuhari, Kenaniya n’ abahungu biwe ni bo bākora ivyerekeye ku vy’igihugu, bakaba abashingantahe n’abacamanza mu Bisirayeli.


Abandi Balewi bagenzi babo, abājejwe ububīko bgo mu ngoro y’Imana, n’ububīko burimw’ ivyeguriwe Uhoraho, bār’ aba:


Mu Balewi n’aba: Shemaya mwene Hasubu, Hasubu wa Asirikamu, Asirikamu wa Hashabiya, Hashabiya wa Buni,


Hari na Mataniya mwene Mika, Mika wa Zabudi, Zabudi wa Asafu, ni we yaterera abaririmba ishimwe mu gihe co gusenga; na Bakibukiya yar’ uwa kabiri muri bagenzi biwe, na Abuda mwene Shamuwa, Shamuwa wa Galali, Galali wa Yedutuni.


Ariko Yonatani mwene Asaheli na Yahazeya mwene Tikuva ni bo bāvuye hasi bahakana iyo nama; kandi bafatanya na Meshulamu na Shabetayi Umulewi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite