Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nahumu 1:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Ivyo muja imigabo k’Uhoraho n’ibiki? Azobageseza rwose: ubgo buyobe ntibuzorinda guhaguruka ubugira kabiri.

Gade chapit la Kopi




Nahumu 1:9
17 Referans Kwoze  

Uhoraho ahindura ubusa imigabo y’amahanga, Atuma ivyiyumviro vy’amoko bipfa ubusa.


Kuko bagabiye kukugirira nabi, Bagīye inama badashobora gushitsa.


Ubgenge cank’ ukumenya Cank’ inama, biba ar’ ubusa imbere y’Uhoraho.


dushingūra impāri n’igishizwe hejuru cose, kihashiriwe kurwanya ukumenya Imana, dufata mpiri ivyiyumvirwa mu mitima vyose, ngo tubigomōrere Kristo.


Muri wewe haturutse uwagiye imigabo mibi k’Uhoraho, aja inama y’ibibi.


Maze Abishayi abarira Dawidi, at’ Uyu musi Imana igabuye umwansi wawe mu maboko yawe; none rero reka ndamuzibure icumu rimwe gusa, rishinge hasi, sinsubīra ubga kabiri.


Uwo musi nzoshitsa kuri Eli ivyo navuze ku nzu yiwe vyose, iyo biva bikagera.


Ariko Amasa ntiyagira ico yibaza ku nkota Yowabu yar’ afise mu ntoke; nuko Yowabu ayimuzibura ku nda, amara yiwe asēseka hasi, ntiyarinda kugereka ubga kabiri; nukw arapfa. Maze Yowabu na Abishayi murumuna we bakomeza guhīga Sheba mwene Bikuri.


None rero mureke kuba abacokoranyi, kugira ngw imvuto murimwo ntizirushirize gukanasha; kuko numvise yukw ivyo Umwami Uhoraho Nyen’ ingabo yagabiye ar’ ugutikiza igihugu cose.


kand’ uz’ uvuge, ut’ Uku ni ko Babuloni hazodobera, ntihasubire kwiburuka ukundi, kubg’ ivyago Uhoraho azohatēza: kandi bazoba badendebukiwe. Amajambo ya Yeremiya agarukiye aho.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, at’ Icago, icago c’ubugesera! Ehe kiraje!


maz’ abafise umubiri bose bazomenya yuko jewe, Uhoraho, nasokoye inkota yanje mu rwubati rwayo; ntizosubira muri rwo ukundi.


naho namenyereje amaboko yabo nkayakomeza, ariko bangīra inama z’ibibi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite