Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nahumu 1:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Uhoraho ni mwiza, n’ubuhungiro bgo ku musi w’amagorwa; kand’ arazi abamwizigira.

Gade chapit la Kopi




Nahumu 1:7
53 Referans Kwoze  

Arikw itanguriro ry’Imana ryo kwubakako rirakomeye, ryanditswekw iki kimenyetso, ng’ Uhoraho arazi abiwe; kandi ng’ Umuntu wese avuga izina ry’Uhoraho ave mu kugabitanya.


Abābaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,


Uhoraho agirira neza abamwiteze, n’imitima imurondera.


Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n’izanje ziranzi,


Kuk’ Uhoraho ari mwiza, imbabazi ziwe zihorah’ ibihe bidashira, Kand’ ahora ar’ umwizigirwa no gushitsa ibihe vyose.


Kuko ku musi w’amagorwa azonzigama akampisha mw ihema ryiwe, Mu bgigobeko bgo mw ihema ryiwe ni ho azompisha; Azonshira hejuru, ampagarike ku gitandara.


Izina ry’Uhoraho n’umunara ukomeye: Umugororotsi awirukiramwo, akaba amahoro.


Kuk’ Uhoraho azi inzira y’ abagororotsi, Arikw inzira y’abanyavyaha ijana mu mahonero.


ariko none, ko mwamenye Imana, cane‐cane ko mwamenywe na yo, n’iki catumye musubira inyuma mugahindukirira ivya mbere vya goyi‐goyi, bitagira ikimazi, mukagomba kubijakarira ukundi gusha?


Kuk’ umugorwa wamubereye igihome, wabereye igihome umukene mu vyago vyiwe, ukababera ubgugamo mu gihuhuta, n’igitūtu mu ndugumba, iy’ inkūbi y’abantu b’ agaterabgoba imeze nk’igihuhuta cisuka ku nzu.


Ni mushimire Uhoraho yukw ari mwiza: Kukw imbabazi ziwe zamah’ ibihe bidashira.


aha hantu nyene hazosubira kwumvikana ijwi ry’umunezero n’iryo guhimbarwa, n’ijwi ry’umukwe n’iry’ umugeni, n’ijwi ry’abavuga, bati Ni mushime Uhoraho Nyen’ ingabo, kuk’ Uhoraho ari mwiza, kukw imbabazi ziwe zamaho ibihe bidashira; n’iry’ abazanye ibimazi vy’ishimwe mu ngoro yanje Uhoraho. Kuko nzotuma iki gihugu kiva mu kinyago, kikamera nk’ ubga mbere, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ku musi w’amarushwa yanje nzokwambaza, Kuk’ uzonyishura.


Kandi mur’ abo, uw’ ari we wese azoba nk’aho kwikinga umuyaga, n’ubgugamo bg’ikirura; azoba nk’ inzūzi z’amazi ahantu hagadutse, kandi nk’igitūtu c’igitandara kinini mu gihugu kiruhisha.


Uhoraho ni mwiza, aragororotse: Ni co gituma azorangira abanyavyaha inzira.


Nebukadineza aravuga, at’ Imana ya Shaduraka na Meshaki na Abedunego iragahimbazwa, ni yo yarungitse umumarayika wayo, igakiza abasavyi bayo bayizigiye, kukw ijambo ryanje baricishije ukundi, bagaheba amagara yabo, kugira ngo ntibagire iyindi mana n’imwe basaba canke basenga, atar’ Imana yabo.


Umbere igitandara co kubamwo, aho nzoshobora kwama mpungira: Wangereye kunkiza, Kukw ari wewe gitandara canje n’igihome kinkīngira.


Azonyambaza, nanje ndamwitabe, Nzobana na we mu marushwa, Ndamukize, mmuhe icubahiro.


Ariko jeho nzoririmba inkomezi zawe; Mbere mu gitondo nzoririmba imbabazi zawe n’ijwi rirenga: Kuko wambereye igihome kirekire kinkīngira, N’ubuhungiro ku musi w’ amagorwa yanje.


Uz’ unyambaze ku musi w’ amagorwa, Nzogukiza, nawe uzompesha icubahiro.


Maz’ umwami aca aranezerwa cane, avuga ko bakūra Daniyeli muri rwa rwobo. Nuko Daniyeli akūrwa mu rwobo, nta n’agakwabu kabonetse kuri we, kuko yari yizigiye Imana yiwe.


Rāba rer’ ukugira neza kw’Imana, n’ubuhambazi bgayo: ku bāguye n’ubuhambazi, ariko kuri wewe n’ukugira neza kw’Imana, ni waguma mur’ ukwo kugira neza kwayo: kuko n’utagira urtyo, nawe uzohanyurwa.


Nuk’ Uhoraho arungika umumarayika, atikiza abahizi bose n’abakuru n’ abagabisha b’ingabo z’umwami w’i Ashuri, aho bari bashagaje. Nuk’ uwo mwami asubira mu gihugu ciwe amāramāye. Maz’ ashitse mu ngoro y’ikigirwamana ciwe, abo yivyariye bahamwicishiriza inkota.


Yizigiye Imana, n’imukize ubu nyene ni yaba imubabaye: kuko yīgira ngo Nd’ Umwana w’Imana.


Ni ho nzobajinjiburira, nti Nta ho nigeze mbamenya; mviraho, mwa bakora ibizira mwe.


Bakaririmba bahāniranwa, bahimbaza Uhoraho bamushima, bat’ Erega ni mwiza, kukw imbabazi agirira Abisirayeli zamah’ ibihe bidashira. Maz’ abantu bose bashira amajwi hejuru, barasemerera batazira Uhoraho, kukw itanguriro ry’ingoro y’Uhoraho rimaze gushirwaho.


Ngw Aho Hezekiya s’ukubahenda, kugira ngw abicishe inzara n’inyota? Kw ababarira ng’ Uhoraho Imana yacu izodukiza, ngo ntidukorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri!


Mu ruhande rwiwe haherereye inkomezi z’ab’ umubiri, ariko mu ruhande rwacu haherereye Uhoraho Imana yacu, ngw adutabare, aturwanire mu ntambara zacu. Maz’ abantu baremēshwa n’ayo majambo ya Hezekiya umwami w’i Buyuda.


maze batakambiye Imana mur’ iyo ntambara, irabumva kuko bayizigiye, irabatabara, igabura Abahaguri n’ abāri kumwe na bo bose mu maboko yabo;


Uhoraho akwishure ku musi w’amagorwa, Izina ry’Imana ya Yakobo rigushire hejuru;


Arikw agakiza k’abagororotsi kanduruka k’Uhoraho, Ni we buhungiro bgabo mu gihe c’amagorwa.


Kand’ Uhoraho arabatabara, akabarokora, Abarokora mu banyakibi, akabakiza, Kuko bamuhungiyeko.


Ewe Uhoraho, nkomezi zanje, gihome canje, buhungiro bganje ku musi w’amagorwa, amahanga azoza kuri wewe avuye mw isi yose iy’ iva ikagera, bavuge, bati Ba sogokuruza bacu nta kindi bārazwe atar’ ibinyoma n’ivy’ ubusa n’ibitagira ikimazi.


Ntumbere ikinca ivutu: ni wewe buhungiro bganje ku musi w’ivyago.


rit’ Uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ati Nk’uk’ umuntu yokwerekeza umutima kur’ izi nsukoni nziza, ni ko nzowerekeza ku Bayuda, kugira ngo mbagirire neza, abo narungitse ar’ inyagano, ngo bave aha hantu baje mu gihugu c’Abakaludaya.


Maz’ Uhoraho azokwivugira i Siyoni, arangurure ijwi ar’ i Yerusalemu; ijuru n’isi bizotigita: arik’ Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, Abisirayeli ababere igihome co kubakingira.


Ariko nzogusigamw’ abaciye bugufi na ba nyarucari, abo ni bo bazokwizigira izina ryanje jewe Uhoraho.


Uko ni kw Abisirayeli bāmazwe igabo ico gihe, Abayuda bakabanesha, kuko bizigiye Uhoraho Imana ya ba sekuruza.


Kand’ abazi izina ryawe bazokwizigira, Kuko wewe, Uhoraho, udahemukira abakurondera.


Ni co gituma tutazotinya, nah’ isi yohinduka, Nah’ imisozi yoshingūrwa ikaja mw idamba ry’ibiyaga;


Ni nde muri mwebge yubaha Uhoraho, akumvira ijwi ry’umushumba wiwe? Ūgendera mu mwiza, adafise umuco, ni yizigire izina ry’Uhoraho, kandi yisunge Imana yiwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite