Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Nahumu 1:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Muri wewe haturutse uwagiye imigabo mibi k’Uhoraho, aja inama y’ibibi.

Gade chapit la Kopi




Nahumu 1:11
11 Referans Kwoze  

Ivyo muja imigabo k’Uhoraho n’ibiki? Azobageseza rwose: ubgo buyobe ntibuzorinda guhaguruka ubugira kabiri.


Maz’ abantu b’imburakimazi kandi b’inshirukanya bakoranira kuri we, baraheza binantaza kuri Rehobowamu mwene Salomo, igihe Rehobowamu yar’ akiri muto, akiri seniryo, adashobora kubahagarara imbere.


Ngo Kandi Hezekiya ntabizigize Uhoraho, ababarira, ng’ Uhoraho ntazobura kubakiza, kandi ng’ Uyu murwa ntuzotangwa ng’ ukorokere mu maboko y’umwami w’i Ashuri.


Hār’ umuntu w’umugesera yitwa Sheba, mwene Bikuri Umubenyamini; aca avuza inzamba, aravuga, ati Dawidi nta co tumwegako, nta mugabane dufise kuri mwene Isayi: yemwe Bisirayeli, hogi twitahire, umuntu wese aje i muhira!


Kandi bene Eli bār’ abanyangeso mbi; bāpfa uko bagize ivy’ Uhoraho,


Maz’ arambarira, ati Mwana w’umuntu, abo ni ba bantu bīgīra imigabo y’ivyo kugabitanya, bakagīra abo mur’ iki gisagara inama z’ibibi;


Bazobona ibara, abīgerera ivyo kugabitanya, bakīgīra inama zo gukora ibibi bari ku mariri yabo; bgāca bakabikora, kuko bibashobokeye!


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite