5 Ntimukizigire umukunzi, ntimukishimire incuti; ufate n’akanwa kawe no ku mugore wawe mupfumbatirana.
Mwiyubarane, umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe, kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we: kuk’ umuntu wese agendanira ubugunge mugenzi we, kand’ umubanyi w’umuntu wese agenda amurementaniriza.
Rāba mbatumye muri nk’intama mu mabingira hagati. Nuko mugire ubgenge nk’inzoka, mumere nk’inuma ata karohe.
Mber’ umukunzi wanje pfampfe, uwo nizigira, nagaburira, Na we ambanguriye umugere.
Uhoraho, shira umurinzi imbere y’akanwa kanje: Rinda umuryango w’iminwa yanje.
Kirāra kirarira mw ijoro, amosozi agacunduguta ku matama; Mu bakunzi baho bose ntihafise uwo kuhirura: Abagenzi baho bose bāraharyarutse, Bahindutse abansi baho.
Arangiza iyo misi ndwi bari mu nkinga amuririra imbere; maze ku musi ugira indwi arakimubarira, kuko yamujigirije: na we aca abarira ab’i wabo ico gisōkōranyo.
Mbere mmeze nk’umuntu atumva, Ata myishurano iri mu kanwa kiwe.
Bafora ururimi rwabo nk’umuheto, kugira ngo barekure ibinyoma; bācitse abahambaye mu gihugu, ariko batabiheshejwe n’ukuri: kuko bava mu bibi bakaja mu bindi, kandi ntibammenye, ni jewe Uhoraho mbivuze.